Umurwi utunganya amatora muri Tayiwane wemeje ko Lai Ching-te ari we yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’iryo zinga.
Ubushinwa bufata Lai Ching-te w’imyaka 64 nk’umwe mu babubangamiye cane mu mugambi wabwo wo kwigarurira izinga rya Tayiwane.
Umugambwe Lai Ching-te akomokamwo, witwa PDD, wemeza ko izinga rya Tayiwane ryigenga. Yiyamamaza, Lai Ching-te mu migambi yashize imbere, harimwo kwemera ko azorwanira ukwigenga kw’iryo zinga.
Ubushinwa bufata Tayiwane nk’intara yabwo, bwari bwasavye abanyagihugu “gutora neza mu kwirinda gushira ubutegetsi mu minwe y’umugambwe wegukanye intsinzi.”
Hou Yu-ih w’imyaka 66 yari ahanganye na Lai Ching-te muri ano matora, yaje mu kibanza ca kabiri. Yaronse amajwi 33.4%.
Hou Yu arashigikiye ko Tayiwane yokwegukira Ubushinwa. Yemeye ko yastinzwe, agirako akeza mukeba wiwe Lai Ching-te agira ati: “ Ndemeye aho intahe ishize. Ndemeye ishaka ry’abanyagihugu ba Tayiwane. Ndakeje Lai Ching-te, kandi nizera ko batazohemukira abanyagihugu ba Tayiwane.”
Ko Wen-je aza ubwa gatatu mu majwi, nawe nyene yemeye ko yatsinzwe. Yaronse amajwi 26.4%.
Prezida mushasha wa Tayiwane, Lai Ching-te, yashimiye abamutoye, asaba impande zose gusenyera ku mugozi umwe ku neza ya Tayiwane. Mw’ijambo ryiwe, yavuze ko yizera ko Tayiwane n’Ubushinwa bizonagura imigenderanire yavyo, ariko biciye mu nzira zo kwubahana.
Prezida mushasha wa Tayiwane, Lai Ching-te, yari amaze imyaka ine ari visi prezida. Yaminuje muri kaminuza ya Havard aha muri Amerika mu vy’ubuganga. Ikibazo c’Ubushinwa na Tayiwane kiri mu vyatumye afata inzira ya politike.