Uburundi Buvuga Ko Ingendo Zo Mu Kirere n'u Rwanda Zifunguye

Ministiri Vincent Biruta w'u Rwanda na Albert Shingiro w'Uburundi umubano ukimeze neza

Reta y’Uburundi yatangaje ko inzira zo mu Kirere zifunguye ku Burundi n’Urwanda. Naho ku Barundi imipaka yo hasi yafunzwe bari mu Rwanda, bemerewe gusubira mu Burundi.

Kuri uyu wa gatanu ubwo inama nshingamateka y’Uburundi yari iramutse yakira umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Albert Shingiro ngo bige bongere barabire hamwe ibibazo bitandukanye biri mu gisata c’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibindi bihugu, hagarutswe ku bibazo bimwe na bimwe birimwo n’ico kuba Uburundi bwafashe icemezo co gufunga imipaka yo hasi isanzwe iruhuza n’urwanda.

Nkuko twabikurikiraniye ku rubuga ngurukanabumenyi rw’inama nshingamateka y’uburundi,mu bibazo vya mbere vyabajijwe ,intumwa z’abanyagihugu zagarutse ku kibazo c’iyugagwa ry’imipaka, aho babajije umushikiranganji icatumye bihutira gufunga imipaka kandi ata bibazo bikomeye biboneka bihari.

Umushikiranganji Shingiro yanabajijwe impamvu igihugu ca Kongo kitarafunga imipaka ku gihugu kibanyi c’u Rwanda kandi bafitaniye ibibazo bimaze igihe.

Mu nyishu yatanze yagereranije igihugu c’Uburundi n’u Rwanda ko imigenderanire imeze nk’ihindagurika ry’ibihe. Ati hari igihe harwa imvura y’isegenya ikindi gihe akazuba kakaka.

Yanamenyesheje ko buri gihugu gifise ubwigenge ku bijanye n’imigenderanire ari naco gituma Uburundi bwafashe ingingo yo gufunga kandi igihugu ca Kongo kitarafunga imipaka igihuza n’u Rwanda.

Naho ku bijanye n’Abarundi imipaka yafunzwe bari mu gihugu c’u Rwanda, abashingamateka babajije umushikiranganji uko bazofashwa bagasubira iwabo.

Umushikiranganji Shingiro yamenyesheje ko nta muntu numwe abuzwa gusubira mu gihugu ciwe bityo abokenera gutaha batazosubizwa inyuma.

Umushikiranganji yaciye anatangaza ko ingendo zo mu kirere zitahagaritswe zizobandanya.

Itangazo ryo gufunga imipaka ihuza Uburundi n’u Rwanda ryasohotse kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2022,aho

vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano. Yamenyesheje ko ari ku mvo z’umubano mubi hagati y’ivyo bihugu ushingiye ku kuba u Rwanda ruhaye indaro bamwe mu bahungabanya umutekano w’ico gihugu.

Amakuru kandi ijwi ry’amerika rifise n’uko imbere y’uko imipaka yose yo hasi ifungwa hari abanyarwanda 35 bajanywe ku mupaka bashikirizwa u Rwanda,aho bivugwa ko bari bafatiwe hakurya y’umupaka.

Twobibutsa ko Uburundi bwari bwafunguye imipaka mu kwezi kwa cenda umwaka w’2022 kuva mu mwaka wa 2015 imipaka ifunzwe .