Uganda: Steven Kabuye Aharanira Agateka k'Abakundana Bahuje Ibitsina Yasogoswe Imbugita

Steven Kabuye yasogoswe imbugita

UmunyaUganda azwi cane aharanira uburenganzira bw’abakundana basangiye igitsina, arakitswe n’amagara inyuma y ‘aho asogoswe imbugita

Uyo mugabo azwi cane ko aharanira agateka k’abakundana basangiye igitsina muri ico gihugu, aho, abari muri uyo murwi bacurwa bufuni na buhoro kuva aho hasohokeye itegeko rikabije mu mwaka uheze ribatuza, yarasogoswe imbugita ejo ku musi wa gatatu.

Muri iki gihe amagara yiwe yifashe nabi, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe arongoye.

Steven Kabuye yasogoswe imbugita n’abantu bataramenyekana, bamuteye ari hafi y’imuhira iwe, agiye ku kazi. Iyi nkuru yatangajwe n’ishirahamwe arongoye ryitwa “Coloured Voices Media Foundation- Truth to LGBT Uganda.”

Iryo shirahamwe ryerekanye amasanamu Kabuye ariko aravirirana aho yakomeretse ku kuboko no mu nda. Frank Mugisha, nawe nyene, azwi cane ku ruhara yerekanye mu kugwanira no gukingira agateka k’abakundana basangiye igitsina muri Uganda, yavuze ko ubwo bugizi bwa nabi bwakozwe n’abantu bitwaza itegeko rikabije ricira ivomo abari muri uyo murwi.’

Iryo tegeko ryo mu gihugu ca Ugand, ricira urubanza rwo gupfa abari muri uyo murwi bagiriwe n’ivyaha bimwe bimwe vyo guhuza ibitsina babisangiye. Gushika ubu, abantu indwi baramaze guhagarikwa hisunzwe iryo tegeko. (Reuters)