Uburundi Bubandanya Kwagiriza U Rwanda Guhungabanya Umutekano Wabwo

Reverien Ndikuriyo munyambanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Uwurongoye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi yagirije u Rwanda ko arirwo rufasha abahungabanya umutekano w’Uburundi.

Reveriyano Ndikuriyo, umunyambanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri, ntiyariye umunwa mu kwagiriza u Rwanda ko ari rwo rufasha inyeshyamba zo mu muhari Red Tabara.

Yabishikirije inyuma y’ikiganiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yahaye abamenyesha makuru kw’ igenekerezo rya 26 mu ntara ya Cankuzo, mu buseruko bw’Uburundi, aho yifatiye mu gahanga reta y’u Rwanda ko ari yo ifasha imigwi igwanya Uburundi igahekura Uburundi.

Ndayishimiye yarongeye arabishimangira mw’ijambo risoza umwaka yashikirije Abarundi.

Yamara ku batavuga rumwe n'intwaro mu Burundi bo basanga Uburundi bubivuga kubera buhanzwe n’ibibazo isinzi bitagira inyishu, ngo nta gitangaza ko abarongoye igihugu barondera uwo babitako.

Fréderic Bamvuginyumvira yabaye icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuva mu 1998 gushika mu 2021. Aranebagura ivyo Uburundi bwagiriza reta y’u Rwanda.

Reveriyano Ndikuriyo yamenyesheje muri ico kiganiro camaze amasaha arenga ane ko kugeza ubu batazi icatumye u Rwanda rwihindukiza mw’ijambo ntirutange abo baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi barongowe na Godefroid Niyombare.

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi bwagiriza u Rwanda guhungabanya umutekano wabwo.mp3

Uwo munyamabanaga mukuru wa CNDD-FDD yizera ko u Rwanda ruzoteba rwikubita agashi, asigura ko bigoye gutahura ukuntu ico gihugu cokwimana akagwi k’abantu ata kindi karota, atari gusesa amaraso y’Abarundi.

Na Fréderic Bamvuginyumvira aremeza ko ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bitigeze bihagarara. Atangazwa ariko n’ukuntu haduka ikibazo, abarongoye Uburundi bakihutira kwagiriza u Rwanda kandi hariho amashirahmwe bahuriramwo yobafasha gukora amatohoza ataho yegamiye no gutora umuti w’ivyo bibazo.

Frederic Bamvuginyumvira

Intandaro y’ivyo vyose ni igitero c’abantu bitwaje ibigwanisho cabaye kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa cumi na kabiri i Vugizo muri zone Gatumba, intara ya Bujumbura mu burengero bw’Uburundi cahitanye abantu 22.

Ico gitero caremanzwe n’umuhari Red Tabara urwanya reta y’Uburundi ariko wamenyesheje ko wowo utagwana n’abasivire ariko ko mu ntambara na bo bashobora kuharwa.

Uwo muhari wemeza ko wishe abasirikare icenda ,ko urupfu rw’abo ba sivire rwobazwa reta y’Uburundi.

Inyuma y’ico gitero umukuru w’igihugu c’Uburundi yaciye amenyesha ko uwo mugwi ufashwa na reta y’u Rwanda, ivyo ico gihugu camiriye kure mw’itangazo casohoye igenekerezo rya 29.

U Rwanda rwamenyesheje ko ata na hamwe mu buryo ubwo aribwo bwose ruhuriye n’imigwi igwanya Uburundi.

Rwamenyesheje nyabuna ko n’abagwanyi b’Abarundi binjiye ku butaka bw’u Rwanda bashikirijwe reta y’Uburundi. Ico gihugu casavye Uburundi ko ibibazo bufise vyoganirwa biciye mu nzira za diporomasi hakaboneka inyishu yumvikanyweko na bose.