Ingenzi 379 Zarokotse Isanganya y'Indege Yahiye mu Buyapani

Indege yahiye

Indege y’Ubuyapani itwara ingenzi yatse umuriro inyuma y’aho isekaniye n’indege y’abasirikare bajejwe kugenduza imbibe zo mu mazi, igihe yariko iruruka ku kibanza c’indege cya Haneda, ku murwa mukuru Tokyo. Auriane Itangishaka atugezeho ibindi.

Abategeti b’igihugu batangaje ko abasirikare batanu bahasize ubuzima. Iyo ndege y’igihugu c’Ubuyapani A-350 yari irimwo ingezi hamwe n’abakozi bayo, bose hamwe 379. Yari ishitse ivuye kw’izinga Hokkaido riri mu buraruko bw’igihugu .

Amasanamu yashizwe ahabona yerekanye umuriro ku ruhande rumwe rw’indege ikiri kuri ico kibuga c’indege. Yahavuye ihagarara imaze gusha igatokomba, imiriro iturika iva mu biyo vyayo. Abajejwe kuzimya imiriro bagerageje uko bashoboye barayizimya.

Abari muri iyo ndege y’ingenzi n’abakozi bayo babashije kurokorwa ikiriko irasha. Amasanamu yafashwe ku matelefone yerekana umuriro wari munsi y’amababa yayo hamwe n’ingezi ziriko ziragerageza guhunga iyo ndege yari yuzuye imyotsi

Televiziyo yo muri Amerika CNN yatangaje ko abantu 17 bari muri iyo ndege y’ingezi bakomeretse.