Prezida w'Uburundi Yasubiye Kwagiriza u Rwanda Kubika Abarwanyi Batera Igihugu Ciwe

Prezida w' u Rwanda (I Bubamfu), Kumwe n'uw'Uburundi ( I Buryo)

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Perezida Evariste Ndayishimiye yagirije igihugu c’u Rwanda ko ari co kibitse abarwanyi baheruka kwica abantu 20 mu Gatumba ku rubibe rw’Uburundi na Kongo.

Mu kiganiro yaremesheje ari mu ntara ya Cankuzo mu buseruko bw’igihugu, Perezida Ndayishimiye atarya umunwa, yagabishije u Rwanda yemeza ko ruhaye indaro kandi rushigikiye umurwi w’abarwanyi Red-Tabara urwanya ubutegetsi bwiwe.

Igihugu c’u Rwanda caravuze akatari gake ko ata mwansi azova muri ico gihugu agiye gutera Uburundi. Ndetse, icegera c’umuvugizi wa Reta y’u Rwanda Alain Mukularinda aherutse kuvuga ko ico gihugu ata ngorane gifitaniye n’Uburundi kuko n’abagizi ba nabi bafatiwe mu Rwanda bahabwa inzego z’umutekano z’Uburundi.

Ku ruhande rw’umuhari Red-Tabara, warasohoye itangazo uvuga ko ufise ibirindiro mu Burundi no mu gihugu ca Kongo. Wavuze ko mu gitero wemanga ko uheruka kigaba mu Burundi, wishe abasirikare n’abapolisi gusa. Yamara, reta y’Uburundi yatangaje ko hishwe abanyagihugu basanzwe bagera kuri 20.

Igihugu ca Kongo abarwanyi ba Red Tabara biyemerera ko bafisemwo ibirindiro, umukuru w’igihugu c'Uburundi yamenyesheje ko yakirungitsemwo abasirikare kurwanya iyo mirwi, ariko cane cane ashimangira ko bagiye no gufasha reta ya Republika ya demokarasi ya kongo kurwanya umuhari w’abarwanya M23. Perezida Ndayishimiye, abaye umutegetsi wa mbere w'Uburundi yemanze ko ico gihugu carungitse abasirikare muri Kongo.

Muri ico kiganiro c'abamenyeshamakuru n'abanyagihugu, umukuru w’igihugu c'Uburundi yaboneyeho akaryo ko gusaba abarundi kwirinda ico yise “ivumwe” ry’abashaka kubakana basangiye ibitsina.

Prezidw w'Uburundi agize ico avuga ku kibazo c'abatinganyi inyuma y'aho umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francisko atangarije ko yemeye ko abihebeye Imana bakwiye guha “imihezagiro” ababana basangiye ibitsina ariko ko batohabwa umuhezagiro w’abubabatse rukirisu.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Imigenderanire y'u Rwanda n'Uburundi Yoba Igiye Gusubira Gutosekara?