Ubufaransa Bwiyamiriza "Ibikorwa vy'Iterabwoba vy'Uburusiya muri Ukraine"

Prezida w'Ubufaransa, I bubamfu, uw'Uburusiya ( I Buryo).

Ubufaransa bwiyamirije ibikorwa vy'iterabwoba vy'Uburusiya muri Ukraine. Ni inyuma y'ibitero bitari bike vya Misile Uburuisya bwakoze muri Ukraine kuri uyu wa gatanu.

Ubufransa, kuri uyu wa gatanu, bwiyamirije bwivuye inyuma ibikorwa vy’iterabwoba vy’Uburusiya bifise intumbero yo gusenyura ibibanza vya gisivile muri Ukraine. Bwatangaje ko buzobandanya gushigikira Ukraine no kuyiha imfashanyo zikenewe kugira ico gihugu gishobore kwivuna Uburusiya, bwifatanije n’ibindi bihugu bikorana. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa bwabitangaje kuri uyu wa gatanu.

Uyu musi nyene, umutegetsi mukuru w’ishirahamwe ONU, ajejwe agateka ka muntu, Volker Turk yiyamirije ibitero vyihaye inkumbi, Uburusiya bwakoze muri Ukraine kuri nuyu wa gatatu. Yasavye Uburusiya guhagarika bidatevye ibitero muri Ukraine. Turk yatangaje ko yaguye mu gahundwe yumvise ibitero bikomeye

Uburusiya bwakoze muri Ukraine mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatanu, bukoresheje misile na drone. Ivyo bitero vy’Uburusiya vyatumye umuyagankuba ucika mu bice bitari bike.

Amategeko mpuzamakungu yo mu ngwano arabuza icese gukora ibitero n’impaka mu bibanza vya gisivile, hamwe n’ibitero bidasobanura, igihe icarico cose. Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe ONU ajejwe agateka ka muntu, Volker Turk, yasubiye gusaba kandi Uburusiya kwubahiriza amategeko yose mpuzamakungu yo mu gihe c’intambara. (AFP)