Uburusiya, kuri uyu wa kane, bwasubiye kwugurura ambasade yabwo muri Burkina Faso. Iyo ngngo ifahwe inyuma y'imyaka igera kuri 32 iyo ambasadeyari imaze yugaye. Iyo nkuru yatangajwe na reta ya Burkina Faso n'uwuserukiraa Uburusiya.
Ambadaseri w’Uburusiya muri Cote d’Ivoire, Alexei Saltykov, yatangaje ko Prezida w’Uburusiya, Vladidmir Putin, azogena Ambasaderi mushasha muri Burkina Faso. Ambasade y’Uburusiya muri Burkina Faso yari yugawe mu mwaka w’i 1992. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Burkina Faso, kuri uyu wa kane, bwemeje inkuru y’uko Uburusiya bwasubiye kwugurura icese ambasade yabwo ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou.
Ambasaderi w’Uburusiya muri Cote d’Ivoire, Alexei Saltykov, yatangaje ko azoyobora ubuserukizi bw’Uburusiya muri burkina Faso gushika umuambasaderi mushasha muri ico gihugu agenywe. Yatangaje ko Burkina Faso ari igihugu kimaze igihe kirekire gifitaniye imigenderanire ikomeye ya kivandimwe n’Uburusiya.
Kuva bashitse ku butegetsi mu kwezi kw’icenda, mu mwaka w’i 2022, abategetsi b’abasirikare bayoboye Burkino Faso, baritandukanije n’Ubufransa, bwahoze bukolonije ico gihugu. Baciye biyegereje Uburusiya. (REUTERS)