Inteko za Israyeri, kuri uyu wa gatatu, zakoze ibindi bitero vy'indege z'ingwano mu ntara ya Gaza. Ni umusi umwe inyuma y'uko, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaje kw’ingingo ya Israyeri yo gukomeza urugamba rwayo rwo kurwanya umurwi Hamas, iteye impungenge ku bijanye n'umutekano w'abasivile.
Ingwano yabaye kuri uyu wa gatatu mu buraruko bw’intara ya Gaza ku rudande rwa Isirayeri yarimwo ibitero vy’inteko zigwanira ku butaka n’ibitero vy’indege z’ingwano. Inyuma y’uko inteko za Isirayeri zinjiye mu bumanuko bw’intara ya Gaza, mu gice ca Khan Younis, muri iyi ndwi, abategetsi b’ico gihugu batangaje ko ziriko zija mu bice vyo hagati, birimwo n’amakambi y’impunzi atari make.
Ababa mu bice vyo hagati mu ntara ya Gaza, batangaje ko Isirayeri yakoze ibitero vy’indege z’ingwano hamwe na vya muzinga mu makambi y’impunzi yo mu bice vya Nuseirat, Maghazi na Bureij hagati mu ntara ya Gaza.
Radwan Abu Sheitta, aba mu mu gice ca Bueij, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ko ibitero vy’indege na vya muzinga vya Isirayeri muri ico gice vyari bikomeye cane. Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Isirayeri, Herzi Halevi, ku musi wa kabiri, yaratangaje ko ingwano mu ntara ya Gaza izomara amezi atari make.
Ingingo y’igihugu ca Isirayeri yo gukomeza ibikorwa vya gisirikare mu bice vyo hagati mu ntara ya Gaza yatumye ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ku musi wa kabiri ryerekana impungenge zikomeye mu bitero vy’ico gihugu vyahitanye Abanyapalestina 100 mu kiringo c’imisi ibiri muri iyi ndwi.
Umuvugizi w’ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe agateka ka muntu, Seif Mugango, ku musi wa kabiri, yaratangaje ko batewe impungenge zikomeye n’ibitero vy’amabombe, inteko za Israyeri zibandanya gukora mu bice biri hagati mu ntara ya Gaza. Yavuze ko ivyo bitero vyahitanye Abanyapalestina barenga 100 kuva ku musi w’imbere ya Noeli. Seif Mugango yavuze ko inteko za Israyeri zitegerezwa gufata ingingo zose zishoboka kugira zikingire abasivile. (VOANEWS)