Nijeri Yahagaritse Imigenderanire n'Ishirahamwe ry'Ibihugu Bivuga Igifaransa

Abdourahamane Tiani atwara Nijeri

Reta ya Nijeri yahagaritse imigenderanire yose yari ifitaniye n’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’Igifaransa. (OIF)

Umuvugizi w’akagwi k’abasirikare batwara Nijeri muri iki gihe, yavuze ko Ubufaransa bumaze imyaka irenga 88 bukoresha iryo shirahamwe mu gukingira inyungu zabwo.

Abo basirikare bafashe ubutegetsi muri kuteta yiyamirijwe n’amakungu mu kwezi kw’indwi. Aho bafatiye ubutegetsi, baciye bafata ingingo yo kwirukana abasirikare b’Abafransa bari bamaze imyaka itari mike bafasha ico gihugu mu gikorwa co kwomora imirwi yigumuye y’abarwanyi baharanira ubutegetsi bwa kisilamu mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero.

Ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’Igifaransa, ryari ryahagaritse imigambi mikuru mikuru ryahora rirangurira muri Nijeri, inyuma y’aho habereye iyo kudeta. Yamara ryari ryabandanije gufasha mu migambi ifitiye akamaro abanyagihugu hamwe n’iyo gusubira kugarukana demokrasi.