Kuri uno musi wa mbere hitezwe itora ry’ingingo ya ONU isaba agahengwe muri Gaza. Ni mu gihe Lloyd Austin umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi ari mu rugendo muri Isirayeri mu nama zerekeye ugukingira abasivile.
Amaze gushika muri Isirayeri, umushikiranganji Austin yanditse ku rubuga rwiwe rwa X rwahoze rwitwa Twitter ko mu biganiro vyiwe n’umushikirananji wa mbere Benjamin Netanyahu hamwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant “Yibukije ashimitse ko Amerika ishigikiye Isirayeri mu buryo bukomeye”, harimwo no mu bikorwa vyo kurungikira imfashanyo muri Gaza.
Iyo nteguro y’ingingo ya ONU yasuzumwe n’ibimenyeshamakuru bitari bike, isaba ko haba “agahengwe mu buryo bwihuta kandi gahagarika uruhagarara, kugira haboneke uburyo n’inzira zo gutanga imfashanyo”.
Ibikamyo binini bitwara imfashanyo vyarashoboye kwinjira muri Gaza mu misi iheze, kandi Isirayeri yaruguruye uwundi muhora wo ucishwamwo imfashanyo muri Gaza.
Yamara ONU ivuga ko ibikamyo 121 vyinjiye ku musi wa gatandatu vyari bike cane ugereranije n’ibikamyo 500 vyahora vyinjira muri Gaza ku musi, bitwaye imfashanyo, imbere y’intambara.
Ibiro vya ONU bijejwe impunzi z’Abanyapalestiniya (UNRWA), bimenyesha ko iyo ntambara imaze gutuma ibice 85 kw’ijana vy’abanyagihugu ba Gaza bata ingo zabo. Benshi muri bo bahungiye mu nyubakwa z’impunzi ku biro vya ONU mu buraruko bwa Gaza. Izo nyubakwa zakiriye igitigiri abantu umurengera ku bari bitezwe.