Kuri uyu wa gatanu havutse ihwaniro rishasha ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo.
Iryo hwaniro ririmwo imigambwe, amashirahamwe yigenga n'imirwi y'abarwanyi rizwi nka " Alliance Fleuve Congo".
Atangaza ivuka ry'urwo runani ku mugaragaro, Corneille Nangaa, umukuru warwo yavuze ko amatora yo kuwa 20 uku kwezi kwa 12 ari nk'itembagazwa ry'ubutegetsi. Hari i Nairobi muri Kenya aho mbere bamwe mu bakuru b'imihari yitwaje ibirwanisho nka Bertrand Bisimwa wa M23 bari bari.
Bemeje ko Félix Tshisekedi aramutse atowe nka Prezida, urwo runani rutazomwemera rukavuga ko ruzomurwanya.
Umumenyeshamakuru Éloge Willy Kaneza yari yaroye mu bikorwa vyo gutangaza urwo runani. Umviriza ido n’ido muri ino nkuru yateguye:
Your browser doesn’t support HTML5