Igihugu ca Canada kitegekanya gushiraho umugambi uzoha uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu ata nkomanzi, abimukira batagira ibipapuro bibemerera kukibamwo.
Umushikiranganji ajejwe ivy’abimukira, Marc Miller, yabwiye ikinyamakuru co muri Canada, The Global and Mail, ko uwu mugambi uzohesha amahirwe abantu benshi bari ku butaka bwa Canada ata bipapuro bafise vyo kuba muri ico gihugu.
Canada yipfuza kuzogera mu 2025 imaze kuzana abimukira bayibamwo bagera ku bihumbi 500. Igihugu ca Canada kigizwe ahanini n’abimukira. Bari no mubatumye ubutunzi bwaco buduga.
Abimukira baba ku butaka bwa Canada badafise impapuro zibemerera kuba muri ico gihugu baharurwa hagati y’ibihumbi 300 n’ibihumbi 600. Ikimenyeshamakuru The Global and Mail gitanga
ivyo biharuro kivuga ko benshi muri abo, bari ku rutonde rw’ababwirizwa gusubizwa mu bihugu vyabo.
Uwo mugambi mushasha wa reta ya Canada uzoba wega abinjiye ku butaka bw’ico gihugu biciye mu nzira zemewe n’amategeko, abahinjiye nk’abakozi b’igihe gito, abanyeshure mvamakungu, ariko bakaza kuguma muri ico gihugu viza zabo zaramaze guhera.
Umushikiranganji ajejwe ivy’abimukira, Marc Miller, asigura ko abantu bose badafise ivya ngombwa vyo kuba muri Canada bari ku butaka bwayo bidasobanuye ko bazoca babironka biciye muri uwo mugambi