Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere yahaye Uburundi na Tanzaniya infashanyo y’amafranga hafi imiliyoni 700 y’amadolari ya Amerika, ni hafi imiliyaridi 2000 y’amarundi.
Ayo mafaranga agenewe kwubaka ibirometero 650 vy’ibarabara ry’indarayi rizohuza ibihugu 3 ari vyo Tanzaniya, Uburundi na Kongo.
Ubwo buryo bwatanzwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere bwemejwe n’urwego nshingwantwaro rw’ibo banki i Abidjan mu gihugu ca Cote d’Ivoire.
Ni amafranga azotuma igice ca kabiri c’nzira ya Gali ya Moshi imaze gutangura kubakwa kuva mu gihugu ca Tanzaniya gushika muri Kongo iciye mu Burundi kibandanya.
Umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru Abishikiriza ido n’ido muri ino nkuru:
Your browser doesn’t support HTML5