Ibihugu bitandukanye vy’umuryango w’Afurika y’ubuseruko, EAC, birabandanya gutahukana abasirikare bavyo bari bamaze igihe kugarukana amahoro muri Republika ya Demokarasi ya Kongo.
Sudani y’Epfo yaraye itahukanye abasirikare bayo 250 bahora I Goma. Aba, baje bakurikira aba Kenya 300 batahutse ku wa Mungu w’indwi iheze.
Ubutegetsi bwa Kongo bwavuze ko bwipfuza ko ingabo zose za EAC, uno mwaka uzohera zasubiye mu bihugu vyazo. Kongo ibagiriza ko bananiwe gufasha kugarukana umutekano.
Hambavu y’abasirikare ba Kenya na Sudani, ibihugu vy’Uburundi na Uganda na vyo nyene birafise abasirikare ba Kongo. Bitegekanijwe ko nabo bakinjura ku butaka bwa Kongo mu ndwi ziri imbere
Umwe mu bategetsi bo muri EAC, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko hazogera igenekerezo ry’ukwezi kw’indwi ko mu mwaka uza, abasirikare bose ba EAC basubiye mu bihugu vyabo. Iryo soko rya AFP ribandanya gusigura ko ibirwanisho abo basirikare bakoresha bizosubira inyuma biciye mu nzira y’ibarabara.
Kongo itegekanya gusubiriza ingabo za EAC n’ iz’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC. Umuvugizi wa Prezida wa Kongo, Félix Tshisekedi, yavuze ko ingabo za SADC zizotangura gushika ku butaka bwa Kongo igenekerezo rya 10 uku kwezi kwa cumi na kabiri. SADC yamara ntaco irabivugako. Eka nta n’igihugu na kimwe kigize uwo muryango kiragira ico kivuga.
Ingabo za EAC zivanye akarenge ku butaka bwa Kongo mu gihe abarwanyi ba M23 babandanya gutana mu mitwe n’abasirikare ba Kongo, barwana bari kumwe n’imirwi y’abanyagihugu ibashigikiye ivuga ko irwanira igihugu.
Kongo izotunganya amatora ya Prezida igenekerezo rya 20 uku kwezi kwa cumi na kabiri. Ni amatora atazoshobora gutunganywa muri teritware 3 z’intara ya Kivu ya Ruguru izingamistwe n’imigwano ya M23 na FARDC.