Ingwano ikomeye hagati y'inteko za Israyeri n'abarwanyi b'umurwi Hamas, yabandanije kuri uyu wa mu bisagara bikomeye vyo mu ntara ya Gaza.
Iyo ngwano yabereye mu buraruko bw’intara ya Gaza, aho Isirayeri yatanguriye ibitero vyayo vyo “guhonya” umurwi Hamas. Ingwano ikomeye yabaye kandi mu gisagara ca Khan Younis mu bumanuko bw’intara ya Gaza.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yatangaje ko inteko za Isirayeri ziriko zisatira ikibanza umukuru w’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza, Yahya Sinwar arimwo. Netanyahu yatangaje ko bazoruhira kumufata.
Iyo ngwano yo kuri uyu musi wa kane yatumye abasivile batera bahungira kure mu bumanuko bw’intara ya Gaza. Yahungabanije ibikorwa vyo gutanga imfashanyo, abanyagihugu bo muri iyo ntara bakaba bariko barasinzikara kurushiriza.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryatangaje ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bashitse mu gisagara ca Rafah mu misi ya vuba. Rafah, igisagara kiri mu bumanuko bw’intara ya Gaza hafi y’urubibe n’igihugu ca Misiri. Ni co gice conyene c’intara ya Gaza catangiwemwo imfashanyo zigereranye muri iyi ndwi.
Ababa mu gisagara ca Rafah hamwe n’abamenyeshamakuru baho, batangaje ko indege z’ingwano za Isirayeri zarashe amabombe muri ico gisagara mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa kane.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas bwavuze ko abantu batari musi ya 37 bahasize ubuzima. Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko abarwanyi b’umurwi Hamas barashe rokete ziturutse hafi y’igisagara ca Rafah. (VOANEWS)