Inama igira 28 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, COP 28, irabandanya kubera I Dubai muri Emira zunze ubumwe z’Abarabu.
Visi prezida w’Amerika, Kamala Harris mw’ijambo yavuze yemeye ko Amerika igiye gutaga imiriyaridi zitatu zizoja mu kigega kijejwe gushumbusha ibihugu bihura n’ihidagurika ry’ibihe kandi ata ruhara vyagize mu kurungika ivyuka vyonona ibirere.
Kamala Harris yagize ati: “ Kw’isi hari abasubiza inyuma intambwe tugezeko. Hari abategetsi batemera ivy’ihindagurika ry’ibihe. Hari abategetsi babangamira imigambi yo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Eka hari n’abategetsi bayovya mu gutanga amakuru atari yo ku vy’ihindagurika ry’ibihe.”
Amafaranga visi prezida w’Amerika yemeye ko azotangwa, abwirizwa kubanza kwemezwa n’inama nshingamateka y’Amerika. Ni mu gihe abashingamateka bose badashigikiye ko Amerika yoterera muri ico kigega.
Amerika yemeye kandi kuvavanura n’amahinguriro atanga umuyagankuba hifashishijwe amakara. Ivyigwa vy’abahinga mu vy’ibidukikije bivuga ko inganda zikoresha amakara mu guhingura umuyangankuba ziza imbere mu zonona cane ibidukikije.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, nawe mw’ijambo ryiwe yavuze ko ihindagurika ry’ibihe ari ryo riri inyuma y’ikena ry’imfungurwa.
Blinken yasiguye ko mu 2050, amatohoza yerekanye ko imfungurwa zizoba zikenewe zizokwiyongera kugera ku bice 50%, mu gihe ihindagurika ry’ibihe rizotuma umwimbu ugabanuka kugera ku bice 30% muri ico kiringo nyene ca 2050.