Burundi: Igice c'Abanyororo Bapfunzwe Bidakurikije Amategeko

Bamwe mu banyororo bapfungiwe mu Burundi

Abarenga igice c’abanyororo mu Burundi bari mu mabohero bidakurikije amategeko. Ishirahamwe ryigenga mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, IDHB (Initiative des Droits Humains au Burundi) ryakoze amatohoza ryerekana ko bamwe muri abo barengeje igihano bakatiwe ariko bakankirwa kurekurwa, abandi bageretsweko ivyaha vya politike mu gihe abandi barengeje imyaka 5 bataraburana.

IDHB, rimwe mu mashirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu yise raporo yayo “abanyororo bibagiwe”. Umushakashatsi wa IDHB, Carina Tertsakian yabwiye Ijwi ry'Amerika ko abo “bibagiriwe mu mabohero” bagwiriyemwo abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abo yita ko bagerekwako ivyaha vya politike kubera ivyiyumviro vyabo bitandukanye n’umugambwe uri ku butegetsi.

Abo ishirahamwe IDHB rivuga ko bibagiwe bagwiriyemwo abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta nka CNL n’iyindi hamwe rero n’abagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'Umuhisi Perezida Petero Nkurunziza.

Kuri micros z'Ijwi ry'Amerika, Umushakashatsi wa IDHB, Carina Tertsakian yagize ati: " Tubita abibagiwe kuko ata n'umwe akibitayeho. Iyumvire na mwe, ko baba baraburanye bagatsinda imanza akarenga kabiri ariko bakaguma bavundiye mu buroko. Ni ihonyangwa rikabije ry’amategeko. Ariko Abadafata ingingo yo kubarekura bitwaza igihagararo bafise nk’umushikiramanza, abakomeye mu ndongozi mu mugambwe uri ku butegetsi canke abo mu rwego rw’iperereza. Abenshi bagirizwa ibijanye na politike n’umutekano. Bikunyurwa n’ubwinshi bw’imanza, bamwe bakamara imyaka n’iyindi bataraburana"

Ishirahamwe IDHB rivuga ko ryakoze amatohoza mu mabohero menshi ari mu gihugu. Rirerekana n’amazina ritangako akarorero ko bafunzwe kandi barejejwe incuro zirenga zibiri na sentare yamara ntibarekurwe.

Acat-Burundi, irindi shirahamwe rikunze kugira amatohoza mu mabohero, rivuga ko abafungiwe ubusa barenga igice c’abanyororo bose bari mu gihugu.

Ibi biremezwa na Germain Rukuki, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yarekuwe mu mwaka w’2021, inyuma y’imyaka 4 yari amaze afunzwe. Yari yakatiwe igihano ca mbere gihawe abakora ako kazi co gufungwa imyaka 32, mu nyuma kiragabanuka gushika ku mwaka umwe.
Rukuki yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ibiri muri iyi raporo yavyiboneyeko, ibindi akabibona no ku bo bari bafunganywe.

Umwe mu bacamanza amaze imyaka 12 akorera mu gisata c’ubutungane mu Burundi yabwiye IDHB muri raporo yayo ko kenshi abacamanza batamikwa ingingo bafatira abafungiwe ivyaha bimwe bimwe vyitirirwa kurwanya reta.

Uwo mucamanza Ijwi ry'Amerika ryahinduriye amajwi, rigahisha n'imyidondoro yiwe ku mvo z'umutekano, yavuze ati:" Ndamaze gukora amadosiye y’imanza nyinshi twarungikirwa n’umugambwe uri ku butegetsi, bakatuzanira urutonde rw’abantu n’ivyaha tubashirako nk’ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, gukorana n’abarwanyi, kubangamira umutekano w’umukuru w’igihugu n’ibindi. Tukabona ko ari ivyagiriji bidafashe ariko kubera ugutinya, turakora ico bashaka.

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, na wo nyene uremeza ko amabohero yarengewe kandi agwiriyemwo abafungiwe ubusa, abarengeje ikiringo n’abahejeje ibihano ariko ntibarekurwe. Sixte Vigny Nimuraba atwara CNIDH mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry'Amerika, yahamagariye reta n’inzego zitandukanye kwikubita agashi.

Amabohero 11 ari mu Burundi arimwo abafungwa barenga ibihumbi 11, mu gihugu afise ubushobokozi bwo kwakira abatarenga 4200. Ibohero rya Mpimba riri I Bujumbura, ryonyene ririmwo abarenga 4300, abarenga kure ababwirizwa gufungwa mu gihugu bose.

Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera ico ubushikiranganji bw’ubutungane bubivugako ariko umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa ari na we avugira urwego rw’amaparike, Agnes Bangiricenge ntiyashimye kuvugira kuri micro zacu. Ntiyishuye n’ubutumwa Ijwi ry'Amerika ryamurungikiye.

Carina Tertsakian, umushakashatsi wa IDHB na we nyene yabwiye Ijwi ry'Amerika ko imbere yuko basohora raporo yabo babanje kuyiha urwego rw’umukuru w’igihugu n’Ubushikiranganji bw’ubutungane ariko ko izo nzego zose zitashimye kugira ico zishikirije ku biri muri ico cegeranyo.

Fyonda hasi wumve ibindi mu nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: CNIDH Iremeza Ikibazo c'Abanyororo Bapfunzwe Bidaciye mu Mategeko