Burundi: Abantu Batanu Bahaniwe Gufata Abana b'Abigeme ku Nguvu

Abantu batanu barimwo abarimu babiri ni bo bamaze guhanwa n'ubutungane bw'Uburundi kuva ku musi wa gatanu uheze bagirizwa ugufata ku nguvu abana b'abakobwa.

Hari abatarafatwa bakoreye ivya mfura mbi akana k'imyaka itanu gaca kitaba Imana.

Urunani rw'amashirahamwe aharanira ineza y'abana mu Burundi , FENADEB, ruvuga ko muri uyu mwaka rumaze kumenya abana b'abigeme barenga 280 bafashwe ku nguvu.

Rusaba inzego zose guhagurukira ico kibazo rufata nk'akaranda. Ni mu gihe Uburundi buri mu kiringo c'imisi 16 yo kurwanya ayo mabi

Umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza abishikiriza ido n'ido muri ino nkuru:

Your browser doesn’t support HTML5

Mu Burundi Hakomeje Kugaragara Ibyaha byo Gufata Abakobwa ku Ngufu