OTAN Yizeye Kubandanya Ishigikira Ukraine mu Ntambara Irimwo n'Uburusiya

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire y'ibihugu bigize NATO

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa kabiri ari mu gihugu c'Ububiligi, mu nama y'abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ishirahamwe OTAN.

Bitegekanijwe ko agira uruhara kandi mu nama y'urwego ruhuza iryo shirahamwe n'igihugu ca Ukraine. Antony Blinken yashitse i Bruxelles ku musi wa mbere, aho bitegekanijwe ko ashimikira ku ntego y’ishirahamwe OTAN yo kubandanya gushigikira Ukraine mu gihe ico gihugu kiriko civuna ibitero vy’Uburusiya.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bruxelles, ku musi wa mbere, umunyamabanga mukuru w’ishsirahamwe, OTAN, Jens Stoltenberg yatangaje ko yiteze ko abo bashikiranganji basubira kwemeza ko iryo shirahamwe rizoshigikira Ukraine mu kiringo kirekire kiri imbere.

Yasavye kandi ko ikiringo c’agahengwe hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, congerezwa agira ati:" Ndakira neza amasezerano yashitsweko hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, yatumye abagizwe imbohe barekurwa n’izindi mfashanyo zigenewe abanyagihugu bo mu mtara ya Gaza zitangwa. Ndateye akamo gasaba iyongerezwa ry’ikiringo c’agahengwe kumvikanyweko. Vyotuma imfashanyo zikenewe cane zishikira abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza, n’abandi bagizwe imbohe barekurwa. Uburyo tubona ukugene abanyagihugu bo muri Gaza basinzikaye bikomeye cane vyerekana ko inyishu ya politike izorama ikenewe."

Muri iyi ndwi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, azosubira kuja kandi muri Isirayeri, aho azoganira ku vyerekeye uburenganzira bw’ico gihugu bwo kwivuna umwansi, hisunzwe amategeko mpuzamakungu. Azoganira kandi ivyerekeye utwigoro tubandanya two kworohereza irekurwa ry’abagizwe imbohe basigaye, gukingira abasivile mu bitero Isirayeri ikorera mu ntara ya Gaza, hamwe no kwongereza no kwihutisha imfashanyo zigenewe abasivile baba mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)