Hamas na Isirayeri Bongereje Ikiringo c'Agahengwe mu Ntambara Barimwo

Imeza yateguriwe abaza kurekurwa

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yakiriye neza amasezerano yo kwongereza agahengwe, hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas mu kiringo c'imisi ibiri. Yavuze ko ifise umwizero ko ako gahengwe kazobandanya mu kiringo kirekire kurusha aho.

John Kirby, umuhanuzi mu biro kwa Prezida wa Amerika ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, yabwiye abamenyshamakuru ko ata nkeka barikiye neza inkuru yerekeye iyongerezwa ry’ikiringo c’agahengwe.

Hari inyuma y’uko igihugu ca Katari gitangaje ko ikiringo c’ahahengwe k’imisi ine congerejwe. Yavuze ko Amerika yipfuza kubona ico kiringo congerejwe kurushiriza. Yavuze ko bizova ku gikorwa c’umurwi Hamas co kubandanya kurekura abagizwe imbohe.

Kirby yatangaje ko umurwi Hamas wemeye kurekura mu kiringo c’imisi ibiri abandi bapfasoni n’abana 20 wagize imbohe mu ntara ya Gaza. Yamara nta mwizero munini Kirby afise ko agahengwe hagati ya Isirayeri na Hamas kazovamwo amasazerano ntabanduka yo guhagarika ingwano mu ntara ya Gaza hagati ya Isirayeri na Hamas.

Kirby yatangaje ko atavugira inteko zijejwe kwivuna umwansi za Isirayeri, ko yamara n’iyo agahengwe karangira, izo nteko zatangaje ku buryo bugaragara ko zizobandanya guhiga abayobozi b’umurwi Hamas.

John Kirby yavuze ko prezida wa Amerika, Joe Biden, yemera ko umugambi wiwe wo gufasha kuboboza abagizwe imbohe no guha imfashanyo abasivile basinzikaye mu ntara ya Gaza uriko urashika ku ntego yawo. Prezida Biden yaragize uruhara ubwiwe mu gufasha gushika ku gahengwe hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, hamwe no kwongereza ikiringo c’ako gahengwe. (AFP)