Imyiyamamazo y’abanyepolitike bazohiganira intebe ya prezida wa Kongo mu kwezi kuza kwa cumi na kabiri irabandanya.
Uno munsi ku wa gatandatu, Muganga Denis Mukwege yigeze gutsindira agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel yiyamamarije mu buseruko bw’igisagara ca Bukavu yavukiyemwo.
Mw’ijambo yashikirije, yavuze ko aramutse abaye prezida wa Kongo azogwanya ibiturire, agatorera umuti ikibazo c’umutekano muke n’amatati avugwa muri ico gihugu.
Muganga Mukwege w’imyaka 68 yagize ati: “ Ugusahura Kongo bisa nk’aho vyabaye ibisanzwe. Gutanga no gusaba ibiturire muri Kongo, vyarahindutse umugenzo usanzwe”.
Mw’ijambo ryiwe, Muganga Mukwege yabandanije agira ati: “ Muri manda yanje ya mbere y’imyaka itanu, nzosubiza agateka abanyagihugu ba Kongo. Nzobasubiza uburenganzira bwabo”.
Muri iryo jambo, yanebaguye ico yise kuzera inze imfashanyo z’amakungu no kwikora ku basirikare b’ibindi bihugu agira ati: “ Mu makungu, nzokora ibishoboka vyose kugira abasirikare mvamakungu bave ku butaka bwa Kongo. Nzokora iyo bwabaye kugira abanyagihugu ba Kongo bifatire mu minwe ikibazo c’umutekano w’igihugu cabo”. Aya majambo yose yayavuze mu rurimi rw’igiswahiri.
Ukwiyamamaza kwa mbere kwa Muganga Mukwege kwabareye I Bukavu iyo yavukiye kwitabiriwe n’abantu baharurwa mu bihumbi.
Muganga Denis Mukwege yatangaje ku mugaragaro ko yinjiye muri politike mu kwezi kwa cumi uno mwaka. Yamenyekanye cane kubera ivuriro ryitwa Panzi yashinze rigamije gufasha ahanini abapfasoni bafatwa ku nguvu mu ntambara zizingamitse ubuseruko bwa Kongo.
Ibikorwa bitandukanye vyo gufasha abahura n’ingaruka z’intambara, ni na vyo vyatumye aronka agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 2018.