Abategetsi ba Isirayeri batangaza ko uno munsi ku wa gatandatu, mu masezerano yo guhanahana imfungwa z’intambara na Hamas, haza kurekurwa Abanyisirayeri 14, n’Abanyisirayeri 42.
Aba abaje biyongera ku banyisirayeri 13, barimwo abana n’abagore bafise imyaka iri hagati y’ibiri na 85, abanyagihugu ba Tayilande 10, n’umwe akomoka muri Filipine, Hamas yarekuye ejo ku wa gatanu, n’abanyapalestina 39, bagizwe n’abagore hamwe n’imiyabaga Isirayeri yarekuywe.
Agahengwe k’intambara k’iminsi ine izo mpande zatanze katanguye kubahirizwa ejo ku wa gatanu. Muri iyo minsi ine y’agahengwe, vyitezwe ko muri rusangi, Hamas isubiza Isirayeri abanyagihugu bayo 50, Isirayeri nayo ikarekura abanyapalestina bagera ku 150.
Isirayeri yavuze ko iminsi ine y’agahengwe yemeye, izoza irayongerako umunsi umwe ku banyororo cumi Hamas yemeye kurekura barenga ku bo yari kurekura.
Umuvugizi wa reta ya Katari, yavuze ko yizeye ko hashobora kuboneka ayandi masezerano atuma imbohe z’intambara ziri muri Gaza zirekurwa ku bwinshi.
Prezida wa Amerika, Joe Biden, nawe yagize ati: “ Amahirwe y’uko ikiringo c’agahengwe congerwa iminsi ni menshi”. Biden yavuze ko mu banyagihugu b’Amerika bataramenyekana irengero muri iyo ntambara, harimwo abagore babiri, n’umwana w’imyaka ine. Ntiyigeze atomora niba baburiwe irengero bari ku ruhande rwa Palestina canke rwa Isirayeri.
Amasezerano y’agahengwe hagati ya Isirayeri na Hamas ahagarikiwe n’Amerika, Katari na Misiri azotuma imfashanyo zishobora gushikira abanyagihugu bari muri Gaza. Ibi bivugwa n’ishirahamwe ryishinze gutabara imbabare, Croix Rouge.
Hagati aho, I Londres ku murwa mukuru w’Ubwonegereza uno munsi haraza kubera imyiyerekano y’abashigikiye Palestina. Vyitezwe ko iyo myiyerekano yitabirwa n’abaharurwa mu bihumbi n’ibihumbi.
Abapolisi bagera ku 1500, barungitswe mu mabarabara atandukanye kugira bacungere umutekano, bongera barabe ko ata majambo canke ivyapa bishihgikira umurwi wa Hamas abiyerelana bafise. Ubwongereza bufata Hamas nk’umurwi w’iterabwoba.