Kenya: Reta Izoshira Amashirahamwe Yayo 35 mu Minwe y'Abikorera

Prezida William Ruto yabwiye abanyamitahe ko igihugu ciwe cahisemwo amashirahamwe ya mbere 35 bazoshira mu minwe y’abikorera ku giti cabo. Yavuze ko bategekanya ico gikorwa ku yandi mashirahamwe agera kw’ijana.

Mu kwezi kurangiye, Prezida Ruto yarateye igikumu kw’itegeko ryorohereza gushira amashirahamwe aya reta mu minwe y’abikorera ku giti cabo.

Ikigega mpuzamakungu c’amafranga, FMI, giherutse gusaba abategetsi ba Kenya gutunganya gushasha amashirahamwe ari mu minwe ya reta, cane cane ishirahamwe ry’igihugu ritanga umuyagankuba, n’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu. Ayo mashirahamwe yompi yarahomvye bikomeye mu mwaka w’i 2022.

Ubutunzi bw’igihugu ca Kenya, bukomye kurusha ubw’ibindi bihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, bwarageramiwe bikomye n’ikiza ca COVID-19, n’ingaruka z’ingwano yo muri Ukraine, hamwe n’iz’uruzuba rwigaragaje mu karere ko mw’ihembe rya Afrika. Kw’italiki 16 y’ukwezi

kw’icumi narimwe, ikigega FMI catangaje ko cashitse ku masezerano na Reta ya Kenya y’ideni ry’imiliyoni 938 y’amadolari. Kw’italiki 20 y’ukwezi kw’icumi na rimwe, ibanki y’isi yose yatangaje umugambi wo guha Kenya imiliyaridi 12 y’amadolari yo gufasha ico gihugu mu kiringo c’imyaka itatu yimirije.

(AFRICANEWS