Iraki Yagiriza Amerika Kugaba Ibitero ku Butaka Bwayo

Ikarata y'ahari Iraki

Reta ya Iraki yiyamirije ibitero vy'indege z'ingwano Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikora ku butaka bwayo, vyishe abarwanyi bashigikiwe na Irani 8. Reta ya Iraki yatangaje ko ivyo bitero bihonyanga ubwigenge bwayo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntiyakoranye na Iraki mu bitero yakoze mu bibanza birimwo abarwanyi mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Bagdad, ku musi wa kabiri no mu gitondo co kuri uyu wa gatatu.

Umuvuguzi wa Reta ya Iraki, Bassem al-Awadi, yavuze ko ibitero vy’indege z’ingwano za Amerika bihonyanga ubwigenge bwa Iraki ku buryo atawobisabirako.

Abarwanyi bashigigikiwe na Irani bazwi kw’izina rya Ktaib Hezbollah n’irya Hezbollah Brigades, kuri uyu wa gatatu, bemeje ko 8 mu bagwani babo bishwe mu bitero vy’Amerika.

Bagabishije ko ivyo bitero bitazokwijana. Igisirikare ca Amerika catangaje ko ivyo bitero kwari ugusubiriza mu ndumane ibitero Irani n’imirwi ico gihugu gishigikiye, vyakoze ku nteko za Amerika n’urunani rw’inteko bikorana.

Ibitero vyo ku musi wa kabiri no mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, ni vyo vya mbere Amerika itangaje ku barwanyi bashigikiwe na Irani muri Iraki kuva abo barwanyi batanguye gukora ibitero mu bibanza birimwo inteko za Amerika.

Ni mu rwego rwo kwishura ku ngingo ya Amerika yo gushigikira Isirayeri mu ngwano ibandanya mu ntara ya Gaza. Reta ya Amerika yarakoze ibitero kandi ku barwanyi bashigikiwe na Irani mu gihugu ca Siriya, aho ibirindiro vy’inteko za Amerika vyatewe mi misi iheze.