Reta ya Nijeriya Yarekuye Abanyororo Bihumbi n'Ibihumbi

Muri Nijeriya, abanyororo ibihumbi n'ibihumbi bararekuwe mu gihugu, mu ntumbero yo gutorera inyishu ibitigiri vy'umurengera mu mabohero

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Olubunmi Tunji-Ojo, yatangaje ko reta yafashe ingingo yo kurekura abanyororo 4,068 ku 80,804 bari mu mabohero 253 ari mu gihugu cose, bapfunzwe kubera kunanirwa kuriha ihadabu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, Ajibola Afonja, yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, ko abanyororo baciriwe ihadabu itarenga umuliyoni w’ama Naira, ni ukuvuga 1,200 y’amadolari, ari bo bazorekurwa.

Iyo ngingo iri mu mugambi wa Prezida wa Nijeriya, Bola Ahmed Tinubu, yo kugabanya ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo bari mu mabohero mu gihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryamenyesheje ko ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo bari mu mabohero muri Nijeriya biri ku rugero rw’ibice 147 kw’ijana.

Iryo shiraharamwe ryatangaje ko abanyororo bashobora kurindira ikiringo kirekire cane, imbere y’uko bacirwa imanza. (AFP)