Ibanki z'Uburundi Zikennye Amahera: Perezida Ndayishimiye

Perezida Evariste Ndayishimiye

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Évariste Ndayishimiye yemeza ko ata mahera akwiye mu mabanki ahari.

Yitangako akarorero ko ubwiwe yarondeye imiliyoni 50 z'amahera y'amarundi nk'ideni arayabura.

Prezida Ndayishimiye avuga ko ibintu bibandanije uko ataho igihugu gishobora kwishikana agasaba amabanki guhindura ingendo. Muri kino gihe, amaze imisi ahura n'imirwi itandukanye baganira kuco yise " urugamba rwo kunagura ubutunzi".

Kuva mu kwezi kwa gatandatu hahinduwe inoti z'ibihumbi 5 na 10, mu gihugu haribonkeza ubukene bw'amahera. Hari intara abanyagihugu batemerewe kubikuza amafaranga arenga imiliyoni 3.

Fyonda ngaha wumvirize inkuru yose y'umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Perezida Ndayishimiye Yemeza ko Ibanki zo mu Gihugu Zikennye Amahera