Sentare ya CEDEAO Yanse Ibirego Ousmane Sonko Yashikirije kuri Senegale

Ousmane Sonko umunyapolitiki utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Senagale

Sentare yo mu karere ka Afrika yo mu burengero yashigikiye reta ya Senegal ku matati ifitaniye n’umunyapolitike atavuga rumwe na yo, Ousmane Sonko yari yayituye irega reta ya Senegal ko iriko irartyoza agateka kiwe.

Sonko muri iki gihe afise imyaka 49 amaze imyaka irenga ibiri ahanganye n’imanza aburanamwo ibirego bimwagiriza ivyaha birimwo amakuru y’ibinyoma hamwe no gufata abakenyezi ku nguvu; ibirego ahakana yivuye inyuma.

Sonko yahagaritswe mu kwezi kw’indwi, yagirizwa ibikorwa vyo kugumuka. Ico gihe reta ya Senegal yaciye ihagarika umugambwe wiwe, yongera imukura ku rutonde rw’abanyapoltike bazokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu, ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri.

Sentare yo mu karere ka Afrika yo mu bihugu vyo mu burengero bizwi kw’izina CEDEAO yariko yihweza ayo matati hagati ya Sonko na reta ya Senegal, yashikirije ingingo itera ivyatsi ibirego vyari vyashikirijwe na Sonko ko reta ya Senegal iriko iramurenganya.

Amatati ari hagati ya Sonko na reta ya Senegal yaratumye haba imigukumo yahitanye ubuzima bw’abantu 6.

Abamushigikiye bavuga kw’ivyaha Sonko yagirizwa bifise imvo za politike kandi ko biri mu nyifato ya President Macky Sall yo kudodobereza abatavuga rumwe nawe. President Sall arahakana ivyo birego.