Burundi: Umwalimu Usombesha Amatafari Abanyeshure Yigisha Yasabiwe Guhanwa

Ishule nshingiro rya Buhayira aho umwe mu balimo asombesha amatafari abanyeshure yigisha

Umwe mu balimu bo kw'ishure nshingiro rya Buhayira muri komine Murwi, intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi akoresha abana yigisha mu gusomba amatafari mu mwanya abanyeshure bariko bariga.

Ni amatafari yo kubaka asombesha yapatanye ibiraka n'abantu bakeneye ko ashikanwa kubibanza vyabo.

Abavyeyi n'abandi barezi bamusabira guhanwa kuko babifata nko guhohotera abana.

Ubuyobozi bw'indero mu ntara bwafashe ingingo yo gukura umuyobozi w'iryo shure mu kurindira ko hafatwa izindi ngingo kuri uwo mwarimu.

Fyonda ngaha wumvirize ido n’ido muri ino nkuru dushikirizwa n’umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Abavyeyi Basaba ko Umwalimu Usombesha Amatafari Abanyeshule Yigisha Yohanwa