Prezida wa Madagasikari Yiteguriye Kwongera Kwitoreza Iyindi Manda

Prezida Andry Rajoelina mu myiyamamazo

Naho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamaze igihe mu myiyerekano bavuga ako prezida wa Madagasikari atemerewe ikindi kiringo, prezida Rajoelina amenyesha ko yiteguriye gusubira kwitoza.

Andry Rajoelina umugwizatunga w’imyaka 49 akaba yahoze ari umucuraranzi w’umuziki yaje ku butegetsi muri kudeta yagizwe mu mwaka wa 2009. Iyo kudeta yatumye abagwizatunga batinya kugira ubudandanji bwabo muri ico gihugu c’izinga riri mu nyanja y’Ubuhinde.

Rajoelina yahavuye ava ku butegetsi bwa reta mfatakibanza inyuma y’imyaka itanu. Yahavuye aragaruka ku butegetsi inyuma yaho atsindiye amatora muri 2018.

Abategetsi bavuga ko bariko barashishikara vyihuta mu bikorwa vy’igice ca mbere c’amatora azoba ku musi wa kane. Ivyo bibaye imisi mike inyuma yaho umwe mu bashingamateka baturuka mu mugambwe w’umukuru w’igihugu asavye ko amatora ahagarikwa ivyagateganyo kubera ibintu bitifashe neza.

Haramaze indwi zitandatu abasirikare bakoresha ivyuka bibaba mu maso mu kwomora abantu bari mumyiyerekano y’abadashigikiye prezida Rajoelina. Bavuga ko akwiye kwakwa uburenganzira bwo gutora kubera yasavye ubwenegihugu bw’Ubufaransa mu mwaka wa 2014.

Aya matora yagaruye ihiganwa hagati y’abagwizatunga batatu batavuga rumwe kandi bakaba ari bo bambere batunze mu gihugu. Abo nabo ni Rajoelina, n’abandi babiri mubahoze ari abakuru b’ico gihugu – Marc Ravalomanana na Hery Rajaonanarimampianina.

Abandi bakandida bashika kuri cumi nabo nyene bariko barahiganwa muri aya matora. Mu bakandida cumi muri cumi na babiri batavuga rumwe na prezida Rajoelina harimwo n’abo bahoze ari abakuru b’igihugu basaba ko amatora yegezwa inyuma kuri rindi tariki.

Basaba kandi ko abajejwe ibiro vyo gutunganya amatora bahindurwa, kandi hagashingwa sentare idasanzwe ijejwe gukurikirana imburano z’amatati yerekeye ibiva mumatora. Prezida Rajoelina we avuga ko ibwirizwashingiro ridasaba ko umukandida ategerezwa kuba afise ubwenegihugu bwa Madagasikari bwonyene.