Prezida wa Reta Zunze Ubumwe bwa Amerika, Joe Biden na Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, bazohura ku musi wa gatatu w'indwi ku ruhande rw'inama y'ibihugu vyo mu karere ka Aziya na Pasifike mu gisagara ca San Francisico. Nta kinini abategetsi ba Amerika biteze ku bijanye no gutuma imigenderanire hagati ya Amerika n'Ubushinwa yisununura kurushiriza.
Buzoba bubaye ubwa mbere abo bategetsi bompi babonanye mu kiringo c’umwaka. Abategetsi ba Amerika batangaje ko ikintu gikuru gishaka gushikwako ari ugutuma ibiganiro hagati ya Amerika n’Ubushinwa bibandanya. Amerika ishaka gukora ibishoboka kugira icuka kibi kiri hagati yayo n’Ubushinwa kitavamwo intambara.
Imigenderanire muri iki gihe hagati y’izo mpande zompi isa n’iyitariko irahindagurika. Xi Jinping yarakiye incuro zitari nke abaserukira Amerika. Yarerekanye icizere ku migenderanire hagati y’igihugu ciwe n’Amerika.
Prezida Jinping yavuze ko yatangaje incuro zitari nke harimwo n’abakuru b’ibihugu benshi, ko hari impamvu zitandukanye zotuma igihugu ciwe kigirana imigenderanire myiza kurushiriza na Amerika. Yamenyesheje ko ata mpamvu n’Imwe ihari y’ukwonona iyo migenderanire.
Ukuremerwa kwa Prezida Jinpin mu Bushinwa, birasigura igituma ariko acisha make ku bijanye n’imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Amerika. Iterambere
ry’ubutunzi bw’igihugu ciwe mu gihe c’inyuma y’ikiza ca COVID-19 ryarikweze kurusha uko vyari vyitezwe.
Amanda Hsiao, umuhinga mu kigo mpuzamakungu, International Crisis Group, kijejwe kwirinda intambara yatangaje ko ibitero Uburusiya bwakoze muri Ukraine bisa n’ivyabaye giturumbuka kuri we.
Amanda Hsiao agira ati: Twarabonye imvugo igereranya ibihugu bigendera kuri demokrasi n’ibitwaza agahotoro. Ivyo bishira Ubushinwa mu murwi rw’ibihugu bitwaza igikenye. Ivyo bituma Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse hamwe n’ibindi bikorana bigira urunani mu ntumbero yo guhangana n’Ubushinwa.
Yamara ibintu bishobora guhinduka muri iki gihe. Amatora yimirije muri Tayiwani ashobora gutuma Reta yinuba cane Ubushinwa ishobora gusubira gutorwa. Mu gihe kandi kwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika kuriko kurakomera, benshi mu bitegereza ibintu bavuga ko iki ari igihe kidashika kenshi c’uko Amerika n’Ubushinwa bikora ibishoboka vyose kugira imigenderanire hagati yavyo ntihungabane. (VOANEWS)