DRC: Abarwanyi Biyitirira Idini rya Isilamu Bishe Abantu 19

Bamwe mu basirikare ba Kongo, FARDC

Abarwanyi b'abayislamu baraboshe abantu 19 babicisha imipanga n'ibindi birwanisho mu gitero bakoze, mw'ijoro ryo ku musi w'Imana, mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo.

Abandi bantu barashoboye guhunga, yamara bashobora kuba barasomye nturi mu gihe bariko bagerageza kujabuka uruzi Lamia berekeza igihugu ca Uganda.

Umuyobozi w’ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike, Maurice Mabele Musaidi, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko irengero ry’abo bantu ritaramenyekana.

Musaidi n’umuvugizi w’igisirikare ca Kongo batangaje ko igitero cabereye mu karere ka Watalinga mu ntara ya Beni cakozwe n’abarwanyi b’umurwi, Allied Democratic Forces, ADF.

Igisirikare ca Kongo catangaje ko cishe abarwanyi ba ADF batari musi ya 6 mw’ijoro ryo ku musi w’Imana. Yamara nta vyinshi batangaje mu bikorwa vya gisirikare bakoze uyo musi.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Antony Mualushayi, yavuze ko igitigiri c’abasivile bapfuye ari 11. Yamara yatangaje ko co atari igitigiri ca nyuma.

Umurwi ADF ukorera mu buseruko bwa Kongo. Wemeye gukwirikiza amabwirizwa ya Reta ya Kiyislamu. Uwo murwi washizweho muri Uganda imbere y’uko wimukira muri Kongo mu myaka y’i 1990. Wagirijwe ko wishe abantu ibihumbi n’ibihumbi mu myaka 10 irangiye. (REUTERS)