Ubumwe bwa Buraya Buhangayikishijwe na "Jenoside Ishobora Kuba muri Darfour"

Bamwe mu banyagihugu baguye mu bwicanyo mu gisagara ca El Geneina

Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya ugabisha ko muri Sudani hashobora kwaduka ico wita iyindi Jenoside. Mw’itangazo uwo muryango wasohoye uno musi ku wa Mungu,wavuze ko uhangayikishijwe n’imvururu ku bwawo zabaye ndanse mu ntara ya Darfour.

Joseph Borell ajejwe imigenderanire y’ubumwe bwa Buraya n’ayandi makungu muri uwo muryango, avuga ko amakuru Ubumwe bwa Buraya bufise yerekana ko abantu 1000 bo mu bwoko bw’aba Masalit, biciwe mu karere ka Ardamta kari mu burengero bw’intara ya Darfour mu ndwi iheze.

Ku bw’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, abo bantu 1000 bishwe mu kiringo c’imisi ibiri. Ubumwe bwa Buraya bwegeka ubwo bwicanyi ku murwi wa RSF, urwanira ubutegetsi bwa Sudani.

Muri iryo tangazo, Ubumwe bwa Buraya bwanditse buti: “ Ubu bunyamaswa buje bwiyongera mu bundi bukorwa na RSF, mu ntumbero yo kuzimanganya ubwoko bw’aba Masalit, butari mu muryango w’Abarabu. Ni bwo bwicanyi buhitanye abantu benshi mu gihe gito kuva mu kwezi kwa gatandatu. Amakungu ntashobora kwirengagiza ibiriko bibera muri Darfour. Ntashobora kwemera iyindi Jenoside muri iyo ntara”

Umurwi wa RSF urwanira ubutegetsi bwa Sudani, mu ndwi iheze watangaje ko wigaruriye icicaro gikuru ca gisirikare co mu gisagara ca El Geneina, kirwiriyemwo ubwoko bw’aba Masalit. Uhakana yamara wivuye inyuma ko ata ruhara na ruto ufise mu matati y’ubwoko ari muri ico gisagara. Indongozi z’ubwoko bugwiriyemwo Abarabu nazo nyene zivuga ko ata ruhara zifise muri ayo matati.

Ubumwe bwa Buraya busozera itangazo ryabwo bwibutsa ko hagati y’umwaka wa 2003, n’uwa 2008, amatati y’amoko muri Darfour yahitanye abantu bagera ku bihumbi 300, atesha izabo abarenga imiriyoni 2.