Ubwongereza bwemeza ko igitigiri kinini c’abarwanyi b’abacangero bo mu murwi wa Wagner wo mu Burusiya, binjiye mu nzego zijejwe gucungera umutekano w’Uburusiya n’indongozi zabwo.
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi mu Bwongereza bwemeza ko, ata nkeka, Pavel Prigozhin, umuhungu w’Umuhisi Yevgeny Prigozin, yahoze atwara Wagner ari we atwara abacangero bose binjiye mu nzego z’umutekano w’Uburusiya.
Yevgeny Prigozin ari mu bashinze umurwi wa Wagner yaguye mu ndege yakorotse inyuma y’indwi nkenya, abarwanyi biwe bagerageje kugumukana ubutegetsi bw’Uburusiya.
Ubwongereza bwemeza kandi ko abacangero ba Wagner baninjiye mu ngabo za checheni. Muri raporo yabwo, Ubwongereza bubandanya gusigura ko Uburusiya ubu bufise ububasha bwinshi ku bacangero ba Wagner.
Hagati aho, abategetsi ba Ukraine bemeza ko Uburusiya bwagavye ibitero vya misile n’ivy’indege bitagira abadereva ku murwa mukuru, Kiev, ibice vyo mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine.
Abategetsi b’umurwa mukuru, Kiev, bavuga yamara ko misile z’Uburusiya bazisambuye imbere ko zishika ku butaka.
Ku rundi ruhande, Uburusiya nabwo buvuga ko bwakoroye indege zitagira umudereva za Ukraine, zari mu kirere c’umurwa mukuru, Moscow.
Mu gihe intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine ibandanya, abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya bazohurira I Buruseri mu ndwi iza, kugira bavugane ku mfashanyo igera ku miriyaridi zababa 22 z’amadorali, Ubumwe bwa Buraya bwipfuza gufashisha Ukraine.
Iyo mfashanyo yasabwe n’uwujejwe imigenderanire y’Ubumwe bwa Buraya n’ayandi makungu. Ibihugu birimwo Ubudagi, biracahigimanga kuri iyo mfashanyo nkuko abadiplomate babivuga. (AFP, AP, REUTERS)