Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni yatangaje ko ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo gukura igihugu ciwe mu mugambi wa AGOA, werekye ubudandaji hagati ya Amerika, n’ibihugu vyo muri Afrika, ataco izohindura.
Ku musi musi w’Imana urangiye, Prezida Museveni yavuze ko Abanyauganda batorazwa ishinga n’ingingo Reta ya Amerika yafashe yo gukura igihugu cabo ku rutonde rw’ibihugu bikura inyungu mu mugambi wa AGOA.
Uwo mugambi ugenewe kworohereza ubudandaji hagati ya Amerika n’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika. Museveni yavuze ko bamwe mu banyamahanga, bemera kubera kutamenya, ko ibihugu vyo muri Afrika bidashobora gutera imbere bidafashijwe. Prezida Museveni yavuze ko Uganda ifise ubushobozi bwo gushikira iterambere n’iyindi migambi yishinze.
Mu ndwi irangiye, Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yaratangaje ko yakuye Uganda, Santrafrika, Gabon na Nijeri ku rutonde rw’ibihugu bikura inyungu mu mugambi wa AGOA, kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka utaha w’i 2024.
Prezida Biden yatangaje ko Uganda yakuwe kuri urwo rutonde kubera ivyo yavuze ko ari ihonyangwa rikomeye ry’amategeko mpuzamakungu ateyeko igikumu, yerekeye agateka ka muntu.
Mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka, Reta ya Uganda yaremeje rimwe mu mategeko akomeye cane kw’isi arwanya abakundana basangiye igitsina. Umugambi wa AGOA, watangujwe mu mwaka w’i 2000, urekurira ibidandazwa bivuye mu bibugu vyo muri Afrika bikwije ibisabwa kwinjira ku masoko ya Amerika bidatanze amatagisi.
Mu mwaka w’i 2022, Uganda yashoreye muri Amerika ibidandazwa vy’agaciro k’imiliyoni 10 n’ibihumbi 600 vy’amadolari, hisunzwe uwo mugambi (AFRICANEWS)