Amerika Isaba Agahengwe mu Ntambara ya Isirayeri na Hamas

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri kumwe n'uujejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu

Reta zunze ubumwe za Amerika zirabandanya gusaba ko haba ihagarikwa ry’intambara ivy'agateganyo hagati ya Israyeri na Hamas kugira abanyagihugu baronswe imfashanyo z’ibintu vya nkenerwa, yamara umushikiranganji wa mbere wa Israyeri Benjamin Netanyahu yatangaje ko abantu bagizwe imbohe, bategerezwa kubanza kuraekurw aimbere y’uko haba agahengwe.

Mu rugendo rwiwe rutari rwatanganjwe muri Irake, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu Antony Blinken, yaragabishije ibihugu bishobora gutuma intambara hagati ya Israyeri na Hamas itandukira akarere kose. Blinken yagize ati: "Ku muntu uwo ari we wese yogerageza kwikika mu kiza c’intambara iri muri Gaza, akugeramira abakozi ba reta yacu, aho ari ho hose muri aka karere, nomubwira nti teshwa ute”

Kurungika imfashanyo zitanzwe za Reta zunze ubumwe za Amerika muri Gaza hamwe no gushigikira amasezerano ashingiye ko haba ibihugu bibiri vyigenga, ni bimwe mu vyo Blinken yavuze ko yaganiriye na Mahmoud Abbas, umuyobozi wa Palestiniya ejo ku musi w’Imana.

Yamara ivyo ntibizoba, umuwi w’abagwanyi ba Hamas batarekuye abantu bagize imbohe mu gitero bakoze kw’itariki 7 y’ukwezi kwa cumi. Ivyo, umushikiranganji Benjamin Netanyahu yabivuze ashimitse aho yagendera ikambi y’abasirikare ba Israyeli bagwanira mu kirere.