Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, mu ndwi irangiye, yarateye igikumu kw'itegeko rigenga ikoreshwa neza ry'ubwenge budasanzwe (Ndemano) butangwa n'ivyuma nyabwonko. Ni mu ntumbero yo gutuma ubwo buhinga bushasha bukoreshwa mu buryo bwiza kandi bwizigiwe.
Iryo tegeko ryubakiye ku masezerano yashitsweko mu ntango z’umwaka n’amasosiyete akomakomeye atari make yemeye gutunganya ubuhinga bufatiye kw’ikoreshwa neza no mu muco ry’ubwenge budasanzwe "Intelligence Artificielle" butangwa n’ivyuma nyabwonko.
Prezida Joe Biden agira ati: Mu gihe ubwenge budasanzwe butangwa n’ivyuma nyabwonko buriko butuma abantu bakora ibirengeye ivyo mu bisanzwe bakora n’ubwenge busanzwe bwa kiremwa muntu, iri tegeko rikomeye ryerekana aho duhagaze ku bijanye n’ikoreshwa ry’ubwo buhinga bushasha. Dushaka ko bukoreshwa mu buryo bwiza, bwizigiwe, buba mu muco kandi butagira ingaruka mbi ku buzima bw’abantu.
Kimwe mu bironderwa gushikwako ni ukubona ko inyungu z’ikoreshwa ry’ubwenge budasanzwe butangwa n’ivyuma nyabwonko zisangiwe mu buryo buringaniye mu bisata vyose vy’igihugu.
Camille Carlton, umuyobozi mukuru ku bijanye n’imigambi y’ikigo, “Center for Humane Technology” kiri mu bigo bitari bike vyafashije mu gutunganya amajambo yakoreshejwe mu gutunganya itegeko rishasha rigenga ikoreshwa ry’ubwenge budasanzwe butangwa n’ivyuma nyabwonko, avuga ati: Niba hari ikintu gikomeye twakuye mw’itegeko rishasha ni uko dukeneye ko reta ishiraho amategeko ntarengwako ku kugene ubwo buhinga butunganijwe, kandi butanzwe kugira bukoreshwe n’abantu.
Reta ya Prezida Joe Biden yizeye ko ingingo iriko irafata zizobera akarorero ingingo amakungu azofata, n’ukugena azokwumva ko ubuhinga bujanye n’ubwenge budasanzwe butangwa n’ivyuma nyabwonko butunganijwe mu gihugu kanaka bushobora kugira ingaruka ku buzima bw’abantu imiliyaridi n’imiliyaridi kw’isi. (VOANEWS)