Umurwi w'abanyamahanga ba mbere bari bafatiwe mu ntara ya Gaza kuva ingwano hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas itangura, kuri uyu wa gatatu, batanguye kuva muri iyo ntara barekeza mu gihugu ca Misiri.
Gusubira kwugurura ikibanza ca Rafah kiri ku rubibe hagati ya Misiri n’intara ya Gaza vyarekuriye abantu bafise ibipapuro vy’inzira bita “pasiporo” kuva muri iyo ntara. Biri mu masezerano yashitsweko hagati y’ibihugu vya Isirayeri, Misiri n’umurwi Hamas, yahagarikiwe n’igihugu ca Katari. Abanyamahanga batari musi y’amajana ane bazorekurirwa kwinjira mu gihugu ca Misiri.
Umuntu aretse abanyamahanga, Abanyapalestina bakomeretse bagera kuri 81 barajanywe na rusehabaniha mu Misiri bavanywe mu ntara ya Gaza kugira bashobore kuvurirwa mu bitaro vyaho. Ni bo Banyapalesitina ba mbere bazwi barekuriwe kuva mu ntara ya Gaza kuva ingwano itanguye hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas, kw’itariki 7 y’uku kwezi kw’icumi.
Ukuva mu ntara ya Gaza kw’abanyamahanga n’Abanyapalaestina ba mbere bibaye mu gihe uburyo bw’itumanaho mu ntara ya Gaza bwasubiye gucika. Isosiyete ijejwe itumanaho mu ntara ya Gaza, Paltel, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, yabwiye abanyagihugu bahatuye ko telefone na interine vyahagaze. Iyo sosiyete yatangaje ko vyatewe n’uko amayira mpuzamakungu yo gutumanaho yari yuguruwe yasubiye kwugarwa. (VOA News)