Kenya: Umwami Charles III Yunamiye Abaguye ku Rugamba Barwanira Ubwongereza

Umwami w'Ubwongereza C

Umwami w'Ubwongereza, Charles III, kuri uyu wa gatatu, yagendeye akaburi k`'abaguye ku rugamba muri Kenya. Yashize urugori rw'amashurwe ku ntatemwa y'abanyakenya barwanye ku ruhande rw'abongereza mu kiringo c'ingwano zibiri z'isi yose zabaye. Hari umusi umwe inyuma y'uko yerekanye ko ababajwe cane n'ubwicanyi n'uruhagarara vyabaye ku gihe ca gikoloni

Umwami Charles III ari kumwe n’umwamikazi, Camilla, yashitse ku musi wa mbere mu rugendo rwa mbere mu gihugu ca Kenya kiri mw’ishirahamwe, Commonwealth, rigizwe n’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza, ari mu mabanga yiwe. Yaravuze ku mabi atagira uko avurwa yakorewe abanyakenya mu gihe bariko barondera ukwikukira kwabo. Yamara ntiyasavye ikigongwe ku vyo Ubwongereza bwakoze muri Kenya, nk’uko abanyakenya batari bake babishaka.

Inyuma y’uko ashize urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’abaguye ku rugamba, umwami Charles III yarahaye abasekombata 4 imidali isubirira iyo batakaje. Muri abo bantu 4 harimwo Kapiteni Samuel Nthigai Mburia, yavuze ko afise imyaka 117. Abandi 3 ni John Kavai, Kefa Chagira na Ezekiel Nyanjom Anyange. Mburia yatangaje ko haheze igihe kirekire cane yarataye umudari wiwe kubera ubwoba yari afise bwo kwitiranywa n’abakoloni b’Abongereza. Yamara yavuze ko muri iki gihe anezerejwe n’uko umwami Charles III yamuhaye umudari usubirira uwo yataye.

Kenya iriko ihimbaza imyaka 60 imaze ishikiye intahe yo kwikukira muri uyu mwaka. Irafitaniye imigenderanire myiza n’Ubwongereza, yamara rimwe na rimwe iyo migenderanire yarabayemwo ibibazo bitewe n’urugamba Kenya yamazemwo igihe kirekire cane irwanya intwaro ya gikoloni y’Ubwongereza. Abanyakenya ibihumbi n’ibihumbi baraguye muri urwo rugamba. (AP)