Isirayeri Ivuga ko Yishe Umwe mu Ndongozi za Hamas

Israyeri, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko abasirikare bayo bishe umwe mu bategetsi ba gisirikare bakomeye b'umurwi Hamas, yateguye ibitero vyihaye inkumbi vy'uwo murwi vyabaye mu bumanuko bw'igihugu kw'italiki 7 y'uku kwezi kw'icumi.

Igisirikare ca Israyeri n’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, Shin Bet, kuri uyu wa kabiri, vyasohoye hamwe itangazo rivuga ko Nasim Abu Ajina, yishwe mu gitero ca bombe. Iryo tangazo rivuga ko Abu Ajina yari ayoboye umwe mu mirwi y’abarwanyi ba Hamas witwa Beit Lahia Battalion.

Igisirikare ca Israyeri kivuga ko yagize uruhara mu gukora utudege tutagira abadereva twakoreshejwe mu bitero umurwi Hamas wakoze mu bumanuko bwa Israyeri kw’itariki 7 y’uku kwezi kw’icumi.

Kivuga kandi ko n’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, Shin Beit, vyatangaje ko iyicwa rya Nasim Abu Ajina riizogira ingaruka ku twigoro tw’umurwi Hamas two gutesha ibitero vy’inteko zirwanira ku butaka za Israyeri mu ntara ya Gaza.

Uyu musi nyene, igisirikare ca Israyeri catangaje ko cakoze ibitero mu bice 300 muri Gaza, mu masaha 24 arangiye, gikoreshje inteko zigwanaira mu kirere no ku butaka. Camenyesheje ko abo cita abakora iterabwoba batari bake b’umurwi Hamas bishwe muri ivyo bitero.

Ivyo bitero vyabaye amasaha makeyi inyuma y’uko umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ateye ivyatsi akamo amakungu yateye, kamusaba ko hoba agahengwe mu ngwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. Netanyahu yatangaje ko kwoba ari ugukora ivyo umurwi Hamas wipfuza, ko ari ibintu bizaboba, kubera iki ari igihe c’ingwano. (VOANEWS)