Perezida William Ruto Yatangaje ko Kenya Izokuraho Visa ku Banyafurika Bose Bajayo

Perezida Wiliam Ruto yarashimikiye ku kamaro ko gukuraho visa ku bihugu vyo ku mugabane wa Afrika, mu kuvuga ko ata kamaro zibigirira. Umuryango w’ubumwe bwa Afrika umaze igihe ukwirikirana umugambi wo kworohereza uruja n’uruza rw’abantu ku mugabane wa Afrika ata visa zibanje gusabwa.

Naho hari amasezerano yabaye hagati y’ibihugu n’uturere tugize uwo mugabane, intambwe mu ntumbero yo gukuraho visa ku banyafrika bagira ingendo zarikweze.

Perezida wa Kenya, William Ruto, mw’ijambo yashikirije, mw’ikoraniro mpuzamakungu ku vyerekeye gukingira amashamba cimeza hamwe no kurwanya ihindagurika ry’ibihe, ryabereye ku murwa mukuru wa Congo-Brazzaville mu mpera z’iyi ndwi turangije, yarerekanye ingaruka mbi zo gusaba visa ku bagira imirmo y’ubudandaji, abarwizatunga n’abagira ingendo.

Yatangaje ko mu mpera z’uyu mwaka ata munyafrika numwe azosubira gusabwa visa kugira ashobore kuza muri Kenya.

Gushika mu mwaka w’i 2022, amazinga ya Seyishele n’ibihugu vya Gambiya na Benin ni vyo vyonyene birekurira Abanyafrika bose kuvyinjiramwo ata visa babanje gusabwa.