Afurika y'Epfo Irasaba ONU Kurungika Inteko mu Karere ka Gaza

Perezida Cyril Ramahosa w'Afurika y'Epfo

Afurika y'Epfo, kuri uyu wa mbere, yasavye ishirahamwe mpuzamakungu, ONU kurungika inteko zijejwe gukingira mu buryo bwihutirwa abasivile baba mu ntara ya Gaza ibitero vy'amabombe vya Israyeri.

Ni mu gihe Israyeri yongereje ivyo bitero mu kwishura ku bitero vyihaye inkumbu umurwi Hamas wakoze ku butaka bw'ico gihugu.

Mu gutera ako kamo, Afrika y’epfo yerekanye ko ishigikiye Abanyapalestina kurusha ibindi bihugu bitari bike. Bimwe muri vyo vyasavye ko haba agahengwe hamwe no kwugurura amayira yorekurira imfashanyo gushika mu ntara ya Gaza.

Afrika y’epfo imaze igihe ivugira amahoro mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. Igereranya ukugene Abanyapalestina bamerewe n’igihe ico gihugu cari ku ntwaro kadyanishamiryango ya Apartheid yarangiye mu mwaka wi 1994.

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yarashikirije icipfuzo co kuba umuhuza mu ntamabara hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.

Afrika y’epfo kandi mu ntango z’uku kwezi yatangaje ko umushikiranganji ajejwe imigenderanire wayo, yavuganye kw’itelefone n’umuyobozi w’umurwi Hamas ku vyerekeye gushikana imfashanyo mu ntara ya Gaza. Ivyo naho Afrika y’epfo itangaza ko idashigikiye umurwi Hamas.

Abanyapalestina muri Gaza, batangaje ko Israyeri yakoze ibitero bikomeye vy’indege z’ingwano na vya muzinga mu gitondo co kuri uyu wa mbere.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’ubutegetsi bw’Abanyapalestina bwatangaje ko imiryango itari mike yarazimanganijwe mu ntara ya Gaza mu ndwi zitatu zirangiye.

Israyeri yarazibiye amayira yose yinjira n’ayasohoka mu ntara ya Gaza. Irabandanya kandi gukora ibitero vy’amabombe muri iyo ntara kuva abarwanyo b’umurwi Hamas bakoze ibiteo ku butaka bwayo kw’italiki 7 y’uku kwezi kw’icumi. Ivyo bitero vyahitanye abantu 1,400. (REUTERS)