Abapolisi amajana n’amajana n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Lewiston co muri reta ya Maine iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika, barabandanya kurondera umugabo w’imyaka 40 bemeza ko ari we yagavye igitero c’inkoho cahitanye abantu 18 ku mugoroba wo ku munsi wa gatatu.
Koloneli William Ross atwara polisi yo muri reta ya Maine, yavuze ko Robert Card “yagavye ico gitero”, ateye ubwoba kandi ashobora kuba agifise ibirwanisho bicira umuriro. Yasavye abomubona bose guhamagara abajejwe umutekano ha guhangana nawe.
Abajejwe umutekano n’intwaro bo muri Reta ya Maine batangaje ko ku wa kane bagenzuye umuhana w’umwe mu baryango ba Robert Card uri mu gisagara ca Lewiston. Nta vyinshi igipolisi cavuze kuri uwo muhana.
Mu gihe abajejwe intwaro mu gisagara ca Lewiston bategetse ko amashure yugarwa, imwe mu mirimo yabaye irahagarara, ibibanza bihuriramwo abantu benshi birugarwa.
Polisi ya Amerika ivuga ko Robert Card yagirizwa igitero co ku munsi wa gatatu ari mu murwi w’abasirikare Amerika yikorako rukamvye. Ku munsi wa gatatu mw’ijoro, uwo mugabo yagiye mu bibanza bibiri birimwo ubunwero, yirara mu bo ahasanze abamijaguriramwo amasasu.
Polisi y’Amerika ibandanya ivuga ko afise ikibazo co mu mutwe. Muri 18 bahitanywe n’amasasu ya Robert Card, 10 ntibarashobora kumenyekana imyidondoro yabo.
Prezida w’Amerika, Joe Biden, yasavye ko amabendera yo ku biro vyiwe, White House, aduzwa kugera hagati mu ntumbero yo kunamira abaguye mu gitero co mu gisagara ca Lewiston. Prezida Biden yavuze kandi ko ari ngombwa ko amategeko agenga ivyo gutunga ibirwanisho avugururwa
Ku rubuga rwa X yanditse ati: “ Muri aka kaga kiyongeye ku yandi mabisha adaharurwa, ndasavye ko abashingamateka b’abarepublikane buzuza inshingano zabo, bagakingira abanyagihugu b’Amerika."
Mu kiganiro Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yagiranye na Philemon Dushimire, Umurundi yanonosoye ivy'amategeko akaba akurikiranira hafi politike y'Amerika, yasiguye ko amategeko yemerera Abanyamerika gutunga inkoho, bigoye ko ahinduka nk'uko hari impande zibandanya kubisaba . Fyonda hasi wumve ikiganiro cose ca Nininahazwe na Dushimire.
Your browser doesn’t support HTML5