Imwe mu Migambi ya Reta mu Burundi Ntishirwa mu Ngiro

Abdou Dieng aserukira ONU mu Burundi.

Uwuserukira ONU mu Burundi avuga ko hari imigambi myinshi itabasha kuja mu ngiro kubera ukubura abahinga bayirangura canke bayikurikirana ku ruhande rwa Reta.

Abdou Dieng yemeza ko mu gihe ikibazo c'imishahara y'intica ntikize kitazoba kiratorerwa umuti, bizokwama gutyo. Ku bw'iwe, nta muntu yo kwiga kaminuza hanyuma agahembwa ubusa yokwemera kuguma akorera igihugu c’iwe naho yoba agikunda urwo kucigura.

Iki kibazo kirayiraje ishinga n'inama nshingamateka mu gihe Reta iriko yiga uko cane cane abaganga boronswa umushahara utuma bataguma baja gukora hanze y'Uburundi.

Umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza abishikiriza ido n’ido muri ino nkuru:

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: ONU Ivuga ko Imwe mu Migambi ya Leta Igorana Kuja mu Ngiro.