USA: Abantu 18 Bahitanywe n'Amasasu y'Uwitwaje Inkoho muri Maine

Ahabereye ubwicanyi

Abantu 18 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'amasasu yamijaguwe n'umuntu yitwaje inkoho ku mugoroba wo ku munsi wa gatatu, mu bibanza bibiri vyo mu gisagara ca Lewiston kiri muri reta ya Maine iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika.

Abababa 15 ni bo bakomerejwe n'ayo masasu. Polisi yo mu gisagara ca Maine, yavuze ko uwakoze iryo bara ari umugabo w'imyaka 40, yakoreye igisirikare c'Amerika mu kiringo c'imyaka irenga 20.

Ifoto y'uwagavye igitero

Umwe mu Barundi baba muri ico gisagara yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" Vyabaye hafi saaa moya z'ijoro. Yarashe mu bibanza bibiri: Ubunywero bwitwa Sparetime, n'ubundi bwitwa Schemengees Bar and Grill"

Igisagara ca Lewiston cagabwemwo ivyo bitero kiza ubwa kabiri mu bunini mu bisagara vya Reta ya Maine. Kibamwo abarundi n'abanyarwanda benshi.

Fyonda hasi wumve ikiganiro umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, yakoranye na Cassius Shirambere, Umurundi aba muri Lewiston.

Your browser doesn’t support HTML5

Shirambere: Ababa muri Lewiston Bugarijwe n'Ubwoba Inyuma y'Igitero c'Inkoho