Kubura kw'Igitoro Vyateje Ibibazo vyo Kwiyunguruza mu Burundi

Imiduga irindiriye igitoro kuri sitasiyo i Bujumbura

Mu Burundi hasubiye kwibonekeza ubukene bw'ibitoro. Abakoresha ivyuma bica amafaranga binywa igitoro baridoga ko naho kiduzwa kitaboneka. Bibaza ko gishobora gusubira gukena cane nk'uko vyagenze mu mezi aheze.

Ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura aho ibitoro bishikira amasitasiyo menshi nta bitoro afise cane cane ivyo mubwoko bwa lisensi. Ahabonetse gike naho abakiriya baca bakiravya ubwo nyene.

Bamwe mu bunguruza abantu n’ibintu hagati y’igisagara c’ubutunzi Bujumbura n’intara zo hagati mu gihugu, babwiye Ijwi ry'Amerika ko Reta yotuma iduza ibitoro uko ibishaka ariko bikaboneka.

Ku rundi ruhande, hari abadandaza bemeza ko akazi gasa n’akahagaze. Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika, barimwo abatagishobora kuja kurangura mu zindi ntara kubera ata buryo bwo kwiyunguruza.

Abandi bidoga, barimwo abanyagihugu bemeza ko ibiciro vyo kwiyunguruza vyaduze cane, n'abariko bagura ibitoro ku mafaranga ari hejuru cane: Akarorero ni aho iriitiro n’inusu ya lisensi itarenza 7300 iriko igurwa ibihumbi 17 kw’isoko ya magendu.

Ijwi ry'Amerika ryabajije ryabajije umushikiranganji w’ubutare n’agataka ari nawe ajejwe gutunganya ibitoro, Ibrahima Uwizeye mu butumwa bwo kuri WhatsApp icateye iki kibazo, yishura asigura ko hari habaye akabazo ku musi wa mbere muri OBR, ikigo kijejwe gutoza no kwegeranya amatagisi ya Reta katumye haba ihungabana mw’itangwa ry’igitoro.

Kuva mu kwezi kw’indwi, ibiciro vy’ibitoro mu Burundi bimaze kuduzwa incuro zitatu. Irya nyuma vyadugijwe hari kuwa 9 uku kwezi kw’icumi. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yasavye Abarundi mu mpera z’ukwa cenda gutegura imitima avuga ko uko ibiciro bizoja biraduga kw’isoko mpuzamakungu na Reta izocivyisunga.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Kuki Ikibazo c'Ikena ry'Igitoro mu Burundi Cabaye Ndanse?