Amerika Yikeka Ibitero Irani Ishobora Kugaba ku Nyubakwa Zayo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu

Reta Zunze Ubumwew za Amerika, kuri uyu wa kabiri, yabwiye ishirahamwe ONU ko itariko irondera intambara na Irani. Yamara umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yagabishije ko Amerika izofata ingingo mu buryo bwihuta cane kandi zikomeye n’iyo Irani canke abo bikorana bakora ibitero ku nteko za Amerika aho ziri hose.

Umushikiranganji Blinken yabishikirije mu rwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Ni mu gihe amakungu atewe impungenge n’uko intambara hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, ushigikiwe na Irani ukorera mu ntara ya Gaza, ishobora gutandukira ibindi bice vyo mu buseruko bwo hagati bw’isi. Hari ubwoba ko abarwanyi b’umurwi Hezbzollah bafise ibirwanisho bikomeye bashigikiwe nabo nyene na Irani bashobora kwinjira muri iyo ntambara.

Antony Blinken agira ati: Nta ntambara Reta Zunze Ubumwe za Amerika iriko irondera n’igihugu ca Irani. Ntidushaka ko ingwano hagati ya Isirayeri na Hamas ikwiragira. Yamara hamwe Irani n’imirwi bikorana bokora ibitero ku basirikare b’Amerika aho bari hose, tuzokingira abanyagihugu bacu n’umutekano wacu, tudatevye kandi dukoresheje inguvu zikomeye cane.

Umushikiranganji Antony Blinken yatangaje ko basavye ibihugu vyose bigize urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi kurungikira ubutumwa bukomeye kandi bihuriyeko vyose ko igihugu ico ari co cose canke umurwi uwo ari wo wose biriko vyiyumvira gutangura urundi rugamba rwo kurwanya Israyeri canke ibihugu bicuditse na yo, birimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bitonabirota. (Reuters)