USA Yagiriza Irani Gufasha Abagaba Ibitero ku Makambi Yayo mu Barabu

Umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika John Kirby

Amerika yatangaje ko Irani igenda irafasha abariko baragira ibitero ku makambi y’abasirikare ba Amerika mu bihugu vy’Abarabu. Ivyo biravugwa mu gihe Amerika ibandanya kurungikayo uburyo bwayo bwinshi bwa gisirikare kandi ikagabisha ko hariho ibitero biriko birategurwa ku nyubakwa za Amerika muri ako karere.

Igisiriakare ca Isirayei congereje ibitero vyaco vyo mu kirere muri Gaza ku bigwati bitari bike mu gihe gisanzwe kiriko citegurira gutera giciye ku butaka.
Mu gihe hari ayo makenga ko iyo ntambara ishobora gufata iyindi ntumbero, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika John Kirby yavuze ko ibitero ku matungo n’abasirikare ba Amerika muri ako karere bigenda vyiyongera.

Agira ati: “Turazi ko Irani ibandanya gufasha Hamas na Hezbollah. Turazi kandi ko Irani ikwirikiranira hafi ibiriko biraba, ahandi ikanafasha mu bitero bitegurwaikongera igahimiriza abandi gukora ibiri mu nyungu zabo canke inyungu za Irani. Turazi ko intumbero ya Irani ko ari kuguma yigira sindabibazwa, ariko ntituzokwemera ko bavyifatamwo gutyo. Ikindi ni uko tudashobora kwemera iterabwoba muri ako karere ngo tugume tureze amaboko.”

Ku musi w’Imana mu kiganiro “This Week” ca televiziyo yo muri Amerika ABC umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin yatangaje ko Amerika iriko irongereza abasiriakre bayo mu bihugu vy’abarabu.

Yavuze ati: “Nk’uko mubizi, muri iyi misi twarabonye ibibombe vya rokete n’ibimodoka vya burende vyateye inyubakwa z’abasirikare bacu muri Iraki na Siriya. Dufise amakenga ko ivyo bishobora gufata iyindi ntumbero. Vyongeye, ico tubona ni uko hashobora kwaduka ibitero ku basirikare bacu canke abenegihugu bacu muri ako karere. Ni co gituma tugiye gukora ibishoboka vyose kugira abasiriakre bacu bagume biteguye kandi bakingiwe.

Kuva kw’itariki 7 y’ukwezi kwa cumi, ibitero bikorwa mu karere k’ubumanuko bwa Israyeri n’umugwi wa Hamas bimaze guhitana Abanyeisraeli 1,400. Ni mu gihe ibitero vya Israyeli muri Gaza bimaze guhitana Abanyepalestiniya ibihumbi bitanu. Leta zunze ubumwe z’Amerika ifata Hamas nk’umurwi w’iterabwoba.