Burundi: Ishirahamwe ry'Abana b'i Makamba Babumba Basaba Ubufasha bwa Reta

Batatu mu bana batandatu basaba reta ubufasha

Mu ntumbero yo gutegura kazoza kabo hakiri kare, hari abana 6 bo ku mutumba wa Murenge I Makamba bafadikanya kwiga, kubumba, kwegeka no gusudira. Basaba abajejwe intwaro gushigikirwa.

Abo bana uko ari batandatu bakora ibikorwa vyabo vyo Kubumba, korora inzuki no gusudira biciye mw'shiramwe bishingiye.

Abo bana bafise hagati y’imyaka 18 na 15 bakaba baba ku Murenge wa zone Gitaba I Makamba. Ijwi ry'Amerika ribagendera riciye ku bakunzi bari i Makamba, ryabasanze bakoraniye ku wubarongoye, bariko barabumba. Ni mu kigo, ahantu hihishije kandi haga kuko ni mu munzu y'abavyeyi b'umwe muri abo bana (Igiraneza Grace)

Igiraneza Grace ni we abarongoye: Yatanguye kubumba afise imyaka 10 ubu akaba afise 18. Asigura ko agitangura kubumba, yatanguriye ku matafari kuko aciye iruhande y’abahungu bariko barayabumba yumva abikunze.

Twaramubajije duti none wewe vyagenze gute ngo wige kubumba kandi utavuka mu bwoko tuzi ko aribwo bukunda uwo mwuga. Igiraneza Grâce nawe ati jewe narabikunze gusa nta kindi. Kandi burya kubumba si umwuga w’abatwa kuko ntaho ndavyiga. Na mugenziwe Ntiharirizwa Carine yavyize kubera ukubikunda kuko muhira atavyo bakora.

Your browser doesn’t support HTML5

Abana 6 Babumba Barasigura uko Batanguye Kubumba

Muri iryo shirahamwe barabumba kandi ivyari inkoko zibundikiriramwo amagi kugira zishobore kuyafuka yose ntihagire irihubara. Muri iryo shirahamwe, ry’abana barorora kandi inzuki. Dushimirimana Aimable ati icatumye dutangura umwuga w’ubuvumbi, ni uko twabona abantu baronka amafaranga menshi muri uwo mwuga. Ikindi cadushituye, ni ishavu. Twarasaba ubuki ababwegetse bakabutwima duca turafata ingingo yo korora inzuki kugira tubwironkere.

Igiraneza Grâce n’ubwo ari umwigeme, yarabumvye amatafari, arubaka inzu kw’itongo kwa se. Icatumye ayubaka kwari ukuraba ko abakobwa bo batoshobora kubaka inzu. Uwo muyabaga yarize n’umwuga wo gusudira. Ashitse ku ntambwe yo gusudira amamashine avomera.

Abo bana basigura ko umwuga wabo ataco ubabuza mu vy'amashure kuko bagabura umwanya.

Bimwe mu bikoresho abana 6 b'i Makamba babumvye

Niyonzima James, umwe mu bavyeyi yabigishije umwuga w’ubuvumbi asigura ko yabikoze kugira abana ntibagume bahanze amaso Leta ngo ni yo uzobaha akazi kabatunga.

Ku bwa Niyonzima James, iyo myuga ni kazoza k’abana babo kandi kuyimenya no kuyikora bizotuma itazimangana ahubwo bayikore n’ubuhinga buteye imbere bashobore kuronka umwimbu mwinshi. Ku bw’uwo muvyeyi ni kazoza ku miryango. Ico Niyonzima James ashima kuri abo bana ni ishaka babikorana n’ubwo bakiri abanyeshure. Arizeye ko bazotera imbere.

Ico abo bana nabo basaba, ni ugufatwa mu mugongo. Barafise ikibazo c’aho bakura ibumba, n’aho borima amashurwe kugira inzuki boroye zije kudahayo ivyo zihinguramwo ubuki. Ntiharirizwa Carine we mu vyo asaba Leta arashiramwo isoko ry’ivyo bakora.

Ishusho y'ifi abana 6 b'i Makamba babumvye

Mu burongozi bwa komine Makamba, Dieudonné Hakizimana, umuhanuzi wa musitanteri ajejwe imibano yishura abo bana ko bahora bashigikira urwaruka rufise impano bahora babashigikira mu kubafasha guseruka mu mahayanishwa.