Umunyamabanga wa ONU Yagendeye Ikigobe ca Sinayi

Antoni Guterres mu Kigobe ca Sinayi

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yagiye n'indege mu kigobe ca Sinai mu kigoro ko kwugurura inzira ijejwe gucihswamwo imfashanyo zigenewe ababa mu ntara ya Gaza.

Antonio Guterres yatangaje ko bariko bavugana n’impande zose kugira ibisabwa ngo imfashanyo zitangwe bivanweho. Igihe ikibanza ca Rafah kizokwugururwa, Israyeri izorekurira mu ntango amakamyo 20 arimwo imfashanyo kwinjira mu ntara ya Gaza.

ONU n’ayandi mashirahamwe y’ubutabazi batangaje ko imfashanyo yo mu ntango ari nkeyi ku buryo ata kinini izofasha kandi ije itevye ku banyagihugu bo mu ntara ya Gaza. Ababa mu ntara ya Gaza ntibaronka amazi, ibifungurwa n’imiti muri iki gihe.

Vyari bitegekanijwe ko ikibanza ca Rafah, abantu binjiriramwo bagasohokeramwo, kiri ku rubibe rw’igihugu ca Misiri n’intara ya Gaza cugururwa, kuri uyu wa gatanu, hisunzwe amasezerano Prezida wa Amerika, Joe Biden yahagarikiye.

Hari igihe yagira, muri iyi ndwi, urugendo rw’imisi ibiri ku murwa mukuru wa Israyeri, Tel Aviv. Yamara ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, ejo ku musi wa kane, bwatangaje ko uburyo ikibanza ca Rafah kizokwugururwa biriko biraganirwa. Reta ya Misiri yatangaje ko ikeneye umwanya kurushiriza kugira isanure ibarabara ryonoywe n’ibitero vya bombe. (AFP).